MENYA KWITANGIRA!
«Umuntu atitangira mu mutima, ameze nk’igisagara gitewe gisambutse uruzitiro.» (Imigani 25:28) Igisagara kitagira uruzitiro kiba ahantu hagaragara, katagira uburinzi. Umwansi arashobora kucinjiramwo uko ashaka, kuko ata kintu na kimwe kikirinda. Ni ko bimeze no ku muntu atamenya kwifata no kwitangira mu mutima wiwe. Iyo udashobora gutegeka uburake bwawe, amajambo yawe, ivyipfuzo vyawe canke ingene witwara, …
