DISIMASI NA JESITASI

Woba war’uzi amazina ya za nkozi z’ikibi zibiri zabambanywe na Yesu?
Ni Disimasi na Jesitasi.

Izi nkozi z’ikibi uko ari zibiri zabambwe iburyo n’ibubamfu ya Yesu zishushanya uburyo butandukanye twitwaramwo mu vyerekeye kwihana no gucungurwa dukurikije ijambo ry’Imana.

1.Jesitasi, inkozi y’ikibi mbi:
Agaragaza kwanka kwihana no kwanka ubuntu bg’Imana.
Jesitasi atuka Yesu kandi ntiyicuza kuvyo yakoze.
Atuka Yesu, Jesitasi yagize ati:
« Si wewe Kristo? Ni wikize, natwe udukize. »(Luka 23:39)
Uko gutuka Yesu gutandukanye n’ukuntu « inkozi y’ikibi nziza » yitwaye, mu kwemera icaha ciwe n’ubutungane bga Yesu, no mu kwifuza agakiza kiwe.
Imyitwarire yiwe ishushanya kunangira icaha no kwanka gucungurwa gutangwa n’Imana.

2.Disimasi, inkozi y’ikibi nziza:
Izina Disimasi mu nkomoko yaryo risobanura umuntu w’umutima.
Disimasi yerekana ukwizera, ukwihana n’imbabazi z’Imana.
Dismas yemera ivyaha vyiwe n’ubutungane bw’igihano arimwo.
Dismas yagize ico avuga ku gitutsi ca mugenziwe, yagize ati:
« No kwubaha Imana ntuyubaha, kand’ uciriwe urubanza rumwe n’urwiwe? Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n’ivyo twakoze: arik’ uyu nta kibi yakoze. »(Luka 23:40-41)
Ahindukirira Yesu mu kwizera, asaba kwibukwa mu bgami bgiwe.
« Urahava uz’ unyibuke Yesu, ah’ uzozira mu bgami bgawe. »(Luka 23:42)
Yesu aramusubiza amusezeranya ko azobana na we muri paradizo.
« Ndakubgire ukuri: Uyu musi urabana nanje muri Paradiso. »(Luka 23:43)
Ibi bishushanya gutungana, gucungurwa no kubabarirwa ku bantu bose bihanye babikuye ku mutima, ndetse no kw’isaha yanyuma y’urupfu rwabo.

Aya mashusho uko ari abiri yerekana uburyo bubiri dushobora guhitamwo mu gihe Imana iduhamagarira kwakira agakiza: kwemera kwicisha bugufi no kwizera, canke kwanka kubwo kutizera.
Mbega none n’iyihe shusho yerekana aho uhagaze canke amahitamwo yawe imbere y’umuhamagaro w’Imana wo kwakira agakiza?

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe guhora twiteguye kwemera ivyaha vyacu no kuvyihana.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

Apostle Jean-Claude SINDAYIGAYA