UHORA UCA IMANZA Z’UKURI ?

N’aho woba utari umucamanza wo mu ma Sentare, mu buryo bumwe canke ubundi, uhora uca imanza.
Nimba atari mu zindi nzego ziguha uburenganzira bgo guhitamwo nka zimwe bita jury, uracira abandi imanza iyo bibaye ngombga ko ugira ico ubavugako canke iyo bagusavye kugira ico uvuga ku bintu biba biriko biraba canke ku bintu vyabaye.
None ni minsi yose uhora uca imanza z’ukuri?

Bibiliya igira iti:
“Ntimuze mucishe urubanza aho rutari.”(Abalewi 19:15)

Nta muntu akunda ko bamucira urubanza, ariko buri munsi, tubishaka canke tutabishaka, twe (n’abandi) duhora twisanga mu nkurikizi z’amahitamwo twakoze aturutse ku kuntu twaciriye urubanza abandi.

Dusomye mu Bguzure bga Kera, dusanga mu gucira urubanza ubgoko bga Isiraheli, Imana yahora ibateza abansi babo, ikabarungikira ingabo zibatera, ibiza canke amapfa,
n’ibindi kugira ibahane gushika bumviye ubugombe bgayo.
Mw’Isezerano Risha, Imana yigaragaje nk’Imana y’urukundo n’imbabazi.
Ariko, n’aho Imana yacu ari Rukundo (1Yohana 4: 8), irera kandi iratunganye kandi ishaka ko natwe tuba abera n’intungane nka Yo.
Uyu murongo wo mu Bguzure bga Kera uvuga uti « Ntimuze mucishe urubanza aho rutari; ntimuze muce urwa nkunzi mubitewe no kugirira impuhwe umworo, canke no gutinya uhambaye; ariko muze mucire bagenzi banyu imanza ziroranye »(Abalewi 19:15), utugaragariza ko Imana ishaka ko natwe tutohengama nka Yo, mu manza ducira abandi.
Mbere na Yesu arabitwibutsa mw’Isezerano Risha aho atubgira ati:
“Ntimupfe guca imanza ku biboneka, ariko muce imanza z’ukuri.”(Yohana 7:24)

Bishitse bikaba ngombga ko duhitamwo canke dufata ivyemezo uno munsi, dusabe Imana iduhe ubwenge n’ubwitonzi kugira dushobore gukurikiza no kwisunga ubutungane bwayo.

Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA