IMVURA

Muri Bibiliya, imvura ishushanya ibintu byinshi:

Niba iguye yitonze kandi ivomera imirima, imvura muri Bibiliya ishushanya imigisha cyangwa ibyiza biva ku Mana.
« Uwiteka azagukingurira ijuru, ububiko bwe bwiza ngo ajye akuvubira imvura mu bihe byayo, ahe umugisha imirimo ikuva mu maboko yose. Uzaguriza amahanga menshi, maze ntuzayaguzaho. »(Gutegeka 28:12)

Niba ari nyinshi kandi yangiriza, imvura ishushanya uburakari bw’Imana, ibihano, cyangwa ibigeragezo.
« Imvura imara iminsi mirongo ine igwa mu isi, ku manywa na nijoro. »(Intangiriro 7:12)

Ariko, Bibiliya iratwigisha ko imigisha n’ukugira neza by’Imana ari iby’iteka, mu gihe uburakari bw ‘Imana n’ ibigeragezo ari iby’igihe gito.

Imirongo ikurikira ihamya ko imigisha n’ukugira neza by’Imana ari iby’iteka:
« Ni ukuri kugirirwa neza n’imbabazi, bizanyomaho iminsi yose nkiriho, Nanjye nzaba mu nzu y’Uwiteka iteka ryose. »(Zaburi 23:6)
« Imisozi izavaho n’udusozi tuzakurwaho, ariko imbabazi zanjye ntizizakurwaho, kandi n’isezerano ry’amahoro nagusezeranije ntirizakurwaho.” Ni ko Uwiteka ukugirira ibambe avuga. »(Yesaya 54:10)
« Imbabazi z’Uwiteka ni zo zituma tudashiraho,Kuko ibambe rye ritabura. Zihora zunguka uko bukeye, Umurava wawe ni munini. »(Amaganya 3:22-23)

Imirongo ikurikira ihamya ko ibigeragezo n’umujinya w’Imana bimara umwanya muto:
« Muririmbire Uwiteka ishimwe mwa bakunzi be mwe, Mushime izina rye ryera. Kuko uburakari bwe ari ubw’akanya gato, Ariko urukundo rwe ruzana ubugingo. Ahari kurira kwararira umuntu nijoro, Ariko mu gitondo impundu zikavuga. »(Zaburi 30:5-6)
« “Mbaye nkuretse akanya gato, ariko nzagukoranya ngufitiye imbabazi nyinshi. Nakurakariye uburakari bwinshi bituma nkwima amaso akanya gato, ariko nzakubabarira nkugirire imbabazi zihoraho.” Ni ko Uwiteka Umucunguzi wawe avuga. »(Yesaya 54: 7-8)
« kuko kubabazwa kwacu kw’igihwayihwayi kw’akanya ka none kwiyongeranya, kuturemera ubwiza bw’iteka ryose bukomeye. »(2 Abakorinto 4:17)
« Ntakomeza kurwana iteka,Ntagumana umujinya iminsi yose. Ntiyatugiriye ibihwanye n’ibyaha byacu,Ntiyatwituye ibihwanye no gukiranirwa kwacu. »(Zaburi 103:9-10)
« Ni iyihe Mana ihwanye nawe ibabarira gukiranirwa, ikirengagiza igicumuro cy’abasigaye b’umwandu wayo? Ntihorana uburakari bwayo iteka, kuko yishimira kugira imbabazi. »(Mika 7:18)

Ijambo ry’Imana rero rifite ubutumwa bw’amizero ko ibigeragezo byose, n’ubwo bigoye cyangwa bikomeye, amaherezo bizashira, kandi kuvugurura bizakurikiraho.

Muyandi magambo, mu bihe by’amakuba, tugomba gukomeza kugirira icyizere Imana yacu, kuko izuba rihora ryaka imvura ihise.

ISENGESHO:
Uwiteka Mwami Imana yacu, dushoboze kukwizera mu gihe cy’ibibazo.
Ni mu izina ry’agaciro ry’Umwana wawe Yesu Kristo dusenze, Amen.

Apostle Jean-Claude SINDAYIGAYA

IMVURA

Muri Bibiliya, imvura isigura ibintu vyinshi bitandukanye:

Iyo iguye neza ikavomera imirima, imvura muri Bibiliya bavuga ko ari imigisha canke ivyiza bivuye ku Mana.
« Uhoraho azobugururira ijuru, ari ryo bubiko bgiwe buninahaye, ngw ahe igihugu canyu imvura mu gihe cayo, ahezagire n’ibikorwa vyanyu vyose; amahanga menshi azoza kubagurana, ariko mweho ntimuzoja kuyagurana. »(Gusubira mu vyagezwe 28:12)

Iyo ari nyinshi kandi ikagwa yonona imirima n’ibintu, iyo mvura bavuga ko ari uburake bg’Imana, ibihano, canke ibigeragezo.
« Imvura imara imisi mirongwine igwa kw isi umurango n’ijoro. »(Itanguriro 7:12)

Yamara Bibiliya itwigisha ko imigisha n’ukugira neza vy’ Imana bihoraho, ariko uburake bg’Imana n’ibigeragezo ari ivy’igihe gito.

Imirongo ikurikira iremeza ko imigisha n’ukugira neza vy’Imana bihoraho:
« N’ukuri ivyiza n’imbabazi bizonyomako imisi yose y’ukubaho kwanje, Nanje nzoba mu ngoro y’Uhoraho ibihe vyose. »(Zaburi 23:6)
« Kukw imisozi izovaho, n’uturambi tuzokurwaho, arik’ ubuntu bganje ntibuzokuvako, kandi n’isezerano ry’amahoro nagusezeraniye ntirizokurwaho, ni jewe Uhoraho nkugirira ikigongwe mbivuze. »(Yesaya 54:10)
« N’ukw imbabazi z’Uhoraho ari zo zatumye tudaherengetezwa, kukw ikigongwe ciwe kidahera: Cama ari gisha uko bukeye; ingen’ ar’ umwizigirwa biratangaje. »(Gucura intimba 3:22-23)

Imirongo ikurikira nayo iremeza ko ibigeragezo n’uburake bg’Imana bimara umwanya muto:
« Kuk’ uburake bgiwe ar’ ubg’ akanya isase, Arik’ ubuntu bgiwe bgamah’ igihe cose umuntu akiriho. Ukurira kworarira umuntu mw ijoro, Ariko mu gitondo impundu zikavuga. »(Zaburi 30:5)
« Mbaye ndagutaye akanya gato, ariko nzokwiyegereza ngufitiye imbabazi nyinshi. Uburake bgaraziririnze, nguhisha inyonga zanje akanya gato, ariko nzokugirira imbabazi z’urukundo rutazoshira, ni jewe Uhoraho Umucunguzi wawe mbivuze. »(Yesaya 54: 7-8)
« Kukw amarushwa yacu ahwahutse y’akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubgiza buremereye bg’ibihe bidashira. »(2 Ab’i Korinto 4:17)
« Ntazokwama ahana, Ntahorana uburake imisi yose. Ntiyatugiriye ibihwanye n’ivyaha vyacu, Ntiyadushubirije mu nkoko ibihwanye n’ibigabitanyo vyacu. »(Zaburi 103:9-10)
« N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikirengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yiziziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi. »(Mika 7:18)

Ijambo ry’Imana rero rifise ubutumwa bw’umwizero ko ibigeragezo vyose, n’aho vyoba bigoye gute canke bikomeye gute, impera n’imperuka biruhira guhera tugasubira mu buzima busanzwe.

Muyandi majambo, mu bihe vy’amakuba, dukwiriye kuguma twizeye Imana yacu, kuko izuba rihora risubira kwaka iyo imvura ihise.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana yacu, dushoboze guhora tukwizera mu gihe c’ibibazo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’Umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Apôtre Jean-Claude SINDAYIGAYA