Hari igihe, naho twokwitanga gute, tugaharanira ivyo twifuza gute, tukihangana,tubona ata na kimwe gitera imbere.
Dukora uko dushoboye, tukihatira kubandanya, ariko bikananirana, bikanka,
imigenderanire n’abandi ikonomekara, amahirwe agashira,
ahari isoko ry’ubuzima hakaba isoko ry’umuruho.
Ivyo s’ugutsindwa burundu.
Hari igihe Imana ifunga urugi kugira ngo irufungurire ahandi.
Hari igihe Mpwemu w’Imana aba avugira mu mutima atubwira ati:
“Aha wageze ku mpera. Ubu hindura, uronderere ubuzima ahandi.”
Ni vyo vyashitse kuri Isaka mu gitabo c’Itanguriro igice ca 26.
Yaracukuye iriba kugira ahabe: baramwirukana.
Yimbisha irindi: bararirwanira, bararimwambura.
Abonye ata ciza abona, Isaka ntiyabandanije guhangana, ahubwo yarahagurutse aja kurondera ahandi,arimuka.
Hanyuma agera ahantu amahanga atamurwanya.
Acukura irindi riba, amazi aradudubiza —
ikimenyetso c’ubuzima, umugisha n’umutuzo mushasha.
Isaka yita iryo hantu Rehoboti, avuga ati:
“Noneh’ Uhoraho adushize ahiyaguye, tuzogasara mu gihugu.” (Itanguriro 26:22)
Rehoboti: ahantu hari umwanya w’uguhumeka.
Ahantu Imana ifungura.
Aho ubuzima busubira gutemba.
No muri Luka 5, niko biboneka.
Baraye ijoro ryose bafata ubusa.
Ariko Yesu ababarira ati:
“Tera urusenga ku rundi ruhande.”
Barumvira — ubuzima buragaruka,
ahantu hamwe, igihe kimwe, ariko inzira nshasha.
Icigwa twokuramwo:
Ikibuze kwera umwimbu aha gishobora kuwera ahandi hatandukanye.
Umugisha s’ukwitanga gusa,
n’ahantu Imana igushaka.
Hari igihe Imana itavuga iti: “Gerageza cane.”
Ahubwo ivuga iti: “Gerageza ahandi.”
Isaka ntiyahunze kubera gutinya.
Yumviye ubuyobozi bw’Imana.
Yatahuye ko icari ciza ejo, gishobora kuba kitakiriho uno munsi.
Ntiwihambire ku gisa n’igipfuye.
Ntuhagume kubera ubwoba — ubwoba bwo kunanirwa, gutakaza, canke gutangura gushasha.
Rondera ahari ubuzima.
Rondera aho amahoro ahumeka.
Rondera aho ubuntu bw’Imana bugutera intege.
Rondera ahantu Imana yaguteguriye ivyawe.
Rehoboti yawe irahari.
Ishobora kuba ahandi hantu, imyaka mishasha, inzira nshasha —
canke n’aho nyene, ariko ku ruhande rushasha rw’urusenga.
IGISABISHO:
Mwami, mfungurira amaso mbashe kubona ko ibihe vyahindutse.
Ha umutima wanje kwumva aho uhumeka, mpa amahoro yo kuva mu bigeze gutakaza ubuzima, umpe ukwizera gukurikirana aho umugisha wawe undindiririye.
Nyobora kuri Rehoboti yanje:
ahari ubuzima, aho uri Wewe.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
