IMANA NTISHAKA AMAFARANGA YAWE, ISHAKA UMUTIMA WAWE

Imana ntiyigeze ikenera amafaranga y’abantu.
Ni Yo soko y’ubuzima, y’umwuka duhumeka, y’ubuzima bwiza n’ibihe byiza bituma umuntu atera imbere.

Mbere y’uko umuntu abona amafaranga, Imana imuha ubuzima, imuha imbaraga zo gukora, ikanamutunganyiriza ibihe n’imimerere bituma abasha gukora no kwishimira umutungo
(Ibyakozwe n’Intumwa 17:25; Ivugururamategeko 8:18).

Amafaranga ntaza mbere y’Imana, ahubwo ava ku Mana.
Gutekereza ko Imana ikenera amafaranga yacu ni ukwibagirwa ko isi n’ibiyirimo byose ari ibyayo
(Zaburi 24:1).

Mu Isezerano rya Kera, icya cumi (dîme) nticyari uburyo bwo gukungahaza umuntu ku giti cye.
Cyari gifitanye isano n’ubutambyi bw’Abalewi kandi kigamije ubutabera n’ubufasha ku bantu bababaye.
Ibyanditswe muri Bibiliya birabisobanura neza:
“Uko imyaka itatu ishize, uzajye ugerura icya cumi cy’imyaka yose wejeje muri uwo mwaka, maze ubibike mu mugi wawe. Nuko Umulevi – kuko we adafite umugabane cyangwa umunani nkawe – kimwe n’imfubyi n’umupfakazi bari mu migi yawe, bazaze barye bahage uko bashaka, kugira ngo Uhoraho Imana yawe aguhere umugisha mu mirimo ukora yose.” (Ivugururamategeko 14:28–29)

Bityo, amaturo kuva kera yari agenewe abakene, imfubyi, abapfakazi n’abanyamahanga
(Ivugururamategeko 26:12).
Uyu munsi, nta Balewi bakiriho, nta rusengero (temple) rukiriho, kandi Isezerano Rishya ntirishyiraho igipimo ngenderwaho gitegekwa.
Yesu ntiyigeze ategeka abigishwa be gutanga icya cumi, kandi intumwa ntizashyizeho igipimo runaka.
Ihame ryo gutanga mu bukristo riragaragara:
“Buri wese rero atange uko umutima we ubimubwira, atinuba, adahaswe, kuko Imana ikunda utanga yishimye.”
(Abanyakorinti, iya 2 9:7)

Ariko birababaje kandi bikomeye mu buryo bw’umwuka kubona ko, mu bihe bimwe, amafaranga y’icya cumi n’amaturo akoreshwa mu kubaka amazu akomeye no kugura ibintu by’igiciro kinini, mu gihe abakene, imfubyi, abapfakazi n’impunzi basigara birengagijwe.
Ibyanditswe byamagana umwifuzo wo kunguka mu by’umwuka, bigasaba abayobozi gukorera Imana batagamije inyungu zabo bwite
(1 Petero 5:2–3; 1 Timoteyo 3:3).

Ituro ridafasha kugabanya imibabaro y’abantu riba ritataye ku ntego ya Bibiliya.
Itorero rikungahara mu gihe abantu bababaye riba ryarateshutse ku mutima w’Ubutumwa Bwiza
(Yakobo 1:27).

Muri Bibiliya, “umunyamahanga” si umushyitsi gusa.
Ni umuntu wavuye iwabo, utagira uburinzi n’umutekano.
Mu bihe by’uyu munsi, birakwiye kumva ko umunyamahanga wo muri Bibiliya ahwanye n’impunzi z’uyu munsi
(Abalewi 19:34; Ivugururamategeko 10:18–19).

Yesu yihuje ubwe n’abo bantu bababaye.
Aravuga ati:
“Nashonje mukamfungurira; nagize inyota mumpa icyo kunywa; naje ndi umugenzi murancumbikira.” (Matayo 25:35)
Kandi yongeraho ati:
“Ndababwira ukuri: ibyo mwagiriye umwe muri abo bavandimwe banjye baciye bugufi, ni jye mwabaga mubigiriye.” (Matayo 25:40)

Gukorera abakene, imfubyi, abapfakazi n’impunzi ni ugukorera Kristo ubwe.

Bityo rero, Imana ntishaka amafaranga yawe.
Ishaka umutima wawe, impuhwe zawe n’ubutabera bwawe
(Mika 6:8).
Ituro ry’ukuri ntiripimwa n’ingano y’amafaranga, ahubwo ripimwa n’ubuzima busubiranye, icyubahiro gisubijwe n’urukundo rugaragarizwa mu bikorwa.

ISENGESHO:
Mwami Mana,
Wowe soko y’ubuzima n’ibyiza byose, tweze imitima yacu uyikuremo umururumba n’iyobokamana ridafite ukuri.
Twigishe gutanga dukurikije umutima wawe, tumenye kukubona mu mukene, mu mfubyi, mu mupfakazi no mu mpunzi,
kandi tugukorere dukorera aboroheje.
Ukwizera kwacu kube kuzima, kube gutunganye no kugirira impuhwe abandi, kugira ngo izina ryawe rihimbazwe.
Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

IMANA NTIKENEYE AMAFARANGA YAWE, IKENEYE UMUTIMA WAWE

Imana ntiyigeze ikenera amafaranga y’abantu.
Ni Yo soko ry’ubuzima, y’impwemu duhema, y’amagara meza n’ibihe vyiza bituma umuntu atera imbere.

Imbere y’uko umuntu aronka amafaranga, Imana imuha ubuzima, imuha inkomezi zo gukora, kandi ikamutunganiriza imimerere n’ibihe bituma abasha gukora no kunezerererwa ivyo afise
(Ivyakozwe n’Intumwa 17:25; Gusubira mu Vyagezwe 8:18).

Amafaranga ntaza imbere y’Imana, ahubwo ava ku Mana.
Kwiyumvira ko Imana ikenera amafaranga yacu n’ukwibagira ko isi n’ibiyirimo vyose ari ivyayo
(Zaburi 24:1).

Mw’Isezerano rya Kera, ikigiracumi (dîme) nticari uburyo bwo gutungisha umuntu ku giti ciwe.
Cari gifitaniye isano n’ubusaseroti bw’Abalewi kandi kigamije ku butungane n’ukwitaho abababaye.
Ivyanditswe birabivuga neza cane:
“Ku mpera y’umwaka wose ugira gatatu muze mwame mukura ikigiracumi ku vyo mwejeje vyose mur’ uwo mwaka, mubikoranirize i wanyu, kugira ngw Abalewi, kuko badafise umugabane cank’ ishamvu muri mwebge, bo n’inyambukira, n’impfumvyi, n’abapfakazi, baba i wanyu, babone kuza, barye, bahage; kugira ng’ Uhoraho Imana yanyu abahezagire mu bikorwa mukora vyose.”
(Gusubira mu Vyagezwe 14:28–29)

Kuva kera rero, amashikanwa yari agenewe abakene, impfuvyi, abapfakazi n’abanyamahanga
(Gusubira mu Vyagezwe 26:12).

Uyu munsi, nta Balewi bakiriho, nta rusengero (temple) rukiriho, kandi Isezerano Rishasha ntiritegeka igitigiri kanaka.
Yesu ntiyigeze ategeka abigishwa biwe gutanga ikigiracumi, kandi n’intumwa ntizashizeho igitigiri kidahinduka.
Itegeko ryo gutanga mu bukristo riratomoye:
“Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’ atagoberewe, kukw Imana ikunda utanga anezerewe.” (2 Ab’i Korinto 9:7)

Ariko birababaje cane kandi birakomeye mu buryo bw’impwemu kubona ko, muri iki gihe, amafaranga y’ikigiracumi n’amashikanwa akoreshwa mu kwubaka amazu y’akataraboneka no kugura ibintu vy’igiciro kinini, mu gihe abakene, impfuvyi, abapfakazi n’impunzi basigara birengagijwe.

Ivyanditswe biriyamiriza umururumba wo mu by’umwuka kandi bigasaba abarongoye ishengero gukorera Imana batagamije kurondera inyungu zabo
(1 Petero 5:2–3; 1 Timoteyo 3:3).
Ishikanwa ridafasha kugabanya imibabaro y’abantu riba ryataye intumbero ya Bibiliya.
Ishengero ryironderera amatungo hagati y’imibabaro y’abantu riba ryaravuye ku mutima w’Ubutumwa Bwiza (Yakobo 1:27).

Muri Bibiliya, “umunyamahanga” s’umushitsi gusa.
N’umuntu yavuye mu gihugu ciwe, atagira uwumukingira canke umutekano.
Mu bihe vy’ubu, birakwiye kwumva ko umunyamahanga wo muri Bibiliya ariwe impunzi yo muri iki gihe
(Abalewi 19:34; Gusubira mu Vyagezwe 10:18–19).

Yesu yihuje ubwiwe n’abo bantu bababaye.
Avuga ati:
“Nari nshonje, murangaburira, nari mfise inyota, mumpa ico nnywa; nar’ ingenzi, mumpa indaro” (Matayo 25:35)
Kandi yongerako ati:
“Ko mwabigiriye umwe mur’ aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.” (Matayo 25:40)

Gukorera abakene, impfuvyi, abapfakazi n’impunzi ni ugukorera Kristo ubwiwe.

Rero Imana ntikeneye amafaranga yawe.
Ikeneye umutima wawe, imbabazi zawe n’ubutungane bwawe
(Mika 6:8).

Ishikanwa ry’ukuri ntiripimwa n’ingero z’amafaranga, ahubwo ripimwa n’ubuzima busubirijwe, icubahiro gisubijwe n’urukundo rugaragara mu bikorwa.

IGISABISHO:
Mwami Mana,
Wewe soko ry’ubuzima n’ivyiza vyose, tunganya imitima yacu uyikuremwo umururumba n’iyobokamana ridafise ukuri.
Twigishe gutanga dukurikije umutima wawe, tumenye kukubona mu mukene, mu mpfuvyi, mu mupfakazi no mu mpunzi, kandi tugukorere mu korera aboro.
Ukwizera kwacu kube kuzima, gutunganye kandi kugirira imbabazi abandi, kugira ngo izina ryawe rishimagizwe.
Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

IMANA IGUMANA NAWE

Abantu barahinduka, ibihe birahinduka, kandi n’ubufasha bw’abantu burahinduka.
Ariko muri ivyo bihe bishobora gutuma duhungabana, ukuri kumwe kudashobora guhinduka n’uku: Imana igumana natwe.

Mu rugendo rwacu, Imana iduhitiramwo abantu badufasha. Abo bantu barashobora kutwugururira amarembo, kudufasha kwikorera imitwaro, no kudushigikira mu rugendo rwacu.
Ariko nta n’umwe muri bo ari ntayegayezwa ku mugambi w’Imana. N’ibikoresho, s’isoko.

“Yesu Kristo uko yar’ ar’ ejo, n’uyu musi ni kw akiri, ni kw azokwama ibihe bidashira.” (Abaheburayo 13:8)

Mumenye ibi: nimba Imana yemeye ko umuntu yigeze kugufasha aguheba, ntibisobanura ko ata wundi ashobora gufata uwo mwanya. Imbere y’uko uwo muntu aguheba, Imana iba yamaze gutegura uwundi muntu afata uwo mwanya.
Ijuru ntirikorera mu buryo bw’impanuka.

“Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’ igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco.” (Umusiguzi 3:1)

Iy’ubufasha bw’umuntu burangiye, s’uguhagarika gusa, ahubwo n’ihinduka ry’igihe. Imana ntiyokwugara urugi ituguruye urundi.
Ico wumva nk’igihombo kenshi kiba ari intango y’urugendo rw’igihe gishasha.

Yosefu yarabibonye. Yashigikiwe n’umurinzi w’ibohero, hanyuma afashwa n’umusirikare. Igihe uwo musirikare amwibagira, Imana yo ntiyari yamwibagiye. Uburyo abantu bamwihojeje bwategura ijwi rya Farawo. Igikoresho carahindutse, ariko umugambi w’Imana warabandanije.

“Maze Farawo atuma guhamagaza Yosefu, bamuturumbura mw ibohero n’ingoga…”
(Itanguriro 41:14)

Imana ikora uko yakoze kuri Mose.
Igihe inzu ya Farawo yiyugara, Imana yuguruye inzu ya Yetiro. Iyo imfashanyo ibuze hamwe, iyindi iraboneka, kenshi ahantu utari uyiteze.

“Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena. (Zaburi 23:1)

Hari igihe Imana yemera ko umuntu aduheba kugira itwibutse ko ukwizera kwacu gukomeye kudakwiriye gushingira ku muntu.
Ikuraho igikoresho kimwe kugira ngo ibungabunge ukwizera kwacu kandi ituyobore ku kukuyizigira yo yonyene.

“Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe.” (Yeremiya 17:7)

Nuko rero, iyo umuntu aguhevye, ntiwibaze ko biba biheze. Imana yo ntiba iguhevye, igumana nawe.
Igihe ubufasha buheze, ntukihebure. Imana iba yamaze gutegura uwundi muntu ikoresha mu kubandanya ico gikorwa.
Iyo ikindi gihe giheze, ntugahungabane. Ukuboko kw’Imana ntikwigera kuva mu buzima bwawe.

“Uwatanguye igikorwa ciza muri mwebge azogiheraheza…” (Abafilipi 1:6)

IGISABISHO:
Mwami,
iyo ubufasha bw’abantu bubuze,
mfasha kwibuka ko wamaze gutegura uwundi muntu washinze kumfasha.
Nyigisha kwizera ubwizigirwa bwawe kuruta kwizera abantu.
Kuko uko bigenda kwose, wewe ugumana nanje.
Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

IMANA IGUMANA NAWE

Abantu barahinduka, ibihe biragenda, n’ubufasha bw’abantu burahinduka.
Ariko muri ibyo bihe bishobora gutera n’impagarara, ukuri kumwe kudashobora guhinduka ni uku: Imana igumana nawe.

Mu rugendo rwacu hano mu isi, Imana iduhitiramo abantu badufasha.
Babasha gufungura amarembo, bakadufasha kwikorera imitwaro, kandi bakadushyigikira mu rugendo rwacu.
Ariko nta n’umwe muri bo ufite akamaro ku mugambi w’Imana. Ni ibikoresho, si isoko.

“Yezu Kristu ntahinduka, ari ejo, ari none, no mu bihe byose.” (Abahebureyi 13:8)

Mumenye ibi: niba Imana yemeye ko umuntu wigeze kugufasha akureka, ntibisobanura ko biba birangiriye aho. Mbere y’uko uwo muntu akureka, Imana iba yamaze gutegura undi muntu wo gufata uwo mwanya.
Ijuru ntirikorera mu maboko y’ibintu by’impanuka.

“Ku isi, buri kintu kigira umwanya wacyo n’igihe cyacyo.” (Umubwiriza 3:1)

Iyo ubufasha bw’umuntu burangiye, ntabwo aba ari uguhagarika gusa, ahubwo aba ari ihinduka ry’igihe.
Imana ntiyafunga umuryango itarafunguye undi.
Icyo wumva nk’igihombo kenshi kiba ari intangiriro y’urugendo rw’igihe gishya.

Yosefu yabibonye. Yashyigikiwe n’umurinzi wa gereza, hanyuma afashwa n’umusirikari. Igihe uwo musirikari yamwibagiwe, Imana ntiyari yamwibagiwe.
Uburyo abantu bamwihoreye bwateguraga ijwi rya Farao. Igikoresho cyarahindutse, ariko umugambi w’Imana warakomeje.

“Farawo aherako atumiza Yozefu. Bihutira kumukura mu buroko…”
(Intangiriro 41:14)

Imana ikora kimwe n’uko yakoranye Mose.
Igihe inzu ya Farao yafunze, Imana yafunguye inzu ya Yetiro. Igihe inkunga imwe ibura, indi iraboneka, akenshi ahantu utari witeze.

“Uhoraho ni we mushumba wanjye, nta cyo nzabura!” (Zaburi 23:1)

Hari igihe Imana yemera ko abantu badusiga ngo idusubize ku kuri: kwizera kwacu gukomeye ntikugomba gushingira ku muntu. Ikuraho igikoresho kimwe kugira ngo ibungabunge ukwizera kwacu kandi ituyobore ku kwishingikiriza cyane kuri Yo yonyine.

“Arahirwa umuntu wiringira Uhoraho, kuko Uhoraho amubera ikiramiro.” (Yeremiya 17:7)

Nuko rero, igihe umuntu akureka, ntukihebe. Imana iba ihari.
Igihe ubufasha burangiye, ntukacike intege. Imana iba yamaze gutegura uwundi muntu wo gufata uwo mwanya.
Igihe ikindi gihe kirangiye, ntugahungabane. Ukuboko kw’Imana ntabwo kuba kwavuye mu buzima bwawe.

“Sinshidikanya rero ko Imana yabatangiyemo uwo murimo mwiza, izanawukomeza kugeza ku munsi Yezu Kristu azaziraho.”
(Abanyafilipi 1:6)

ISENGESHO:
Mwami,
Igihe ubufasha bw’abantu bubura,
mfasha kwibuka ko wamaze gutegura uwundi muntu wo gufata uwo mwanya.
Nyigisha kwizera ukwizera kwawe kuruta kwizera abantu.
Kuko n’iyo byagenda bite, ugumana nanjye.
Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

GOD REMAINS

People change, seasons pass, and human support varies.
But at the heart of these sometimes unsettling changes, one truth remains unshakable: God remains.

On our journey, God chooses people to help us. They open doors, share burdens, and support our progress.
Yet none of them is indispensable to God’s plan. They are instruments, not the source.

“Jesus Christ, yesterday and today; Jesus Christ forever.” (Hebrews 13:8)

Understand this: if God allows someone who was helping you to step away, it is never without a replacement.
Even before that help ceases, God has already prepared another person to take over. Heaven never works by chance.

“All things have their time, and all things under heaven continue during their interval.” (Ecclesiastes 3:1)

When human help ends, it is not necessarily rejection, but a transition.
God never closes a door without having already opened another.
What may seem like a loss is often a passage to a new stage.

Joseph experienced this. He was supported by the prison keeper, then by the cupbearer. When the cupbearer forgot him, God had not forgotten Joseph. The silence of men prepared Pharaoh’s call.
The instrument changed, but the plan continued.

“Immediately, by the king’s authority, Joseph was led out of prison…” (Genesis 41:14)

God works the same way with Moses.
When Pharaoh’s palace closed, God opened Jethro’s house.
When one support disappears, another appears, often where you least expect it.

“The Lord is my shepherd; I shall not want.” (Psalm 23:1)

Sometimes God allows human abandonment to remind us that our ultimate trust must never rest on a man.
He removes one instrument to preserve our faith and guide us into deeper dependence on Him.

“Blessed is the man who trusts in the Lord, for the Lord will be his confidence.” (Jeremiah 17:7)

So, when a person steps away, do not stop. God remains.
When help ends, do not despair. God has already prepared a replacement.
When a season ends, do not fear. God’s hand has never left your life.

“He who has begun this good work in you will perfect it.” (Philippians 1:6)

PRAYER:
Lord,
When human help disappears,
help me to remember that You have already prepared the next helper.
Teach me to trust in Your faithfulness more than in people.
Because no matter what happens, You remain.
Amen.

Apostle Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

DIEU RESTE

Les hommes changent, les saisons passent, les soutiens humains varient.
Mais au cœur de ces mouvements parfois déstabilisants, une vérité demeure immuable: Dieu reste.

Dans notre marche, Dieu choisit des personnes pour nous aider. Elles ouvrent des portes, portent un fardeau avec nous, soutiennent notre progression. Pourtant, aucune d’elles n’est indispensable au plan de Dieu. Elles sont des instruments, non la source.

«Jésus Christ est le même hier, aujourd’hui, et éternellement.» (Hébreux 13:8)

Il faut comprendre ceci: si Dieu permet qu’une personne qui vous aidait vous abandonne, ce n’est jamais sans relais. Avant même que l’aide ne cesse, Dieu a déjà préparé une autre personne pour prendre la relève. Le ciel ne fonctionne jamais dans l’improvisation.

«Il y a un temps pour tout, un temps pour toute chose sous les cieux.» (Ecclésiaste 3:1)

Quand une aide humaine s’arrête, ce n’est pas forcément un rejet, mais une transition.
Dieu ne ferme jamais une porte sans avoir déjà entrouvert une autre. Ce que vous percevez comme une perte est souvent un passage vers une étape nouvelle.

Joseph a été soutenu par le geôlier, puis par l’échanson. Quand l’échanson l’a oublié, Dieu n’avait pas oublié Joseph. Le silence des hommes préparait la voix de Pharaon. L’instrument a changé, mais le plan a continué.

«Pharaon fit appeler Joseph…» (Genèse 41:14)

Dieu agit de la même manière avec Moïse. Quand le palais de Pharaon se ferme, Dieu ouvre la maison de Jéthro.
Quand un appui disparaît, un autre surgit, parfois là où on ne l’attendait pas.

«L’Éternel est mon berger: je ne manquerai de rien.» (Psaume 23:1)

Dieu permet parfois l’abandon humain pour nous rappeler que notre confiance ultime ne doit jamais reposer sur un homme. Il retire un instrument pour préserver notre foi et nous conduire vers une dépendance plus profonde à Lui.

«Béni soit l’homme qui se confie dans l’Éternel, Et dont l’Éternel est lespérance!» (Jérémie 17:7)

Ainsi, quand une personne se retire, ne vous arrêtez pas. Dieu reste.
Quand une aide cesse, ne désespérez pas. Dieu a déjà prévu la relève.
Quand une saison se termine, ne craignez pas. La main de Dieu n’a jamais quitté votre vie.

«Celui qui a commencé en vous cette bonne œuvre la rendra parfaite.» (Philippiens 1:6)

PRIÈRE:
Seigneur,
Quand une aide humaine disparaît, aide-moi à me souvenir que Tu as déjà prévu la relève.
Apprends-moi à faire confiance à Ta fidélité plus qu’aux hommes.
Car quoi qu’il arrive, Tu restes.
Amen.

Apôtre Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

IYO IBINTU BIHINDUTSE

Iyo umuntu atey’imbere mu kibanza — mu kazi, mu buyobozi canke mu butunzi — abagenzi baragwira.
Amaso amurabana umunezero, amajambo akaryohera, abantu benshi bakamwiyegereza.
Ariko Ijambo ry’Imana riduha umuburo uciye mu vy’ukuri:
«Ubutunzi bugwiza abagenzi, Arik’ umworo we, umugenzi yitandukanya na we.» (Imigani 19:4)

Uyu murongo urerekana ko hari ubugenzi bushingiye ku nyungu aho gushingira ku rukundo nyakuri.
Kwemera abagenzi b’ibinyoma bituma umuntu yibesha, agafata ingingo mbi, kandi bikamuviramwo ubwigunge igihe ibintu bihindutse.

Ubwenge busaba kudashingira umwirondoro wacu ku kibanza dufise, ahubwo kuwushingira ku Mana; kwitondera ubugenzi uko igihe gihita; no guha agaciro abaguma ari abizigirwa mu bihe vyiza no mu bihe bigoye.

Kuko n’aho abantu bahinduka uko ibihe bihinduka, Imana yo ntihinduka na gato:
«Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.»
(Abaheburayo 13:5)

IGISABISHO:
Mwami, duhe ubwenge bwo kumenya ubugenzi bw’ukuri, kandi uduhe umutima wicishije bugufi mu bihe vyose. Amina.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

IGIHE IBINTU BIHINDUTSE

Iyo umuntu azamuwe mu ntera — binyuze mu kazi, mu buyobozi cyangwa mu bukire — inshuti ziriyongera.
Abantu baraseka, amagambo akaryoshya, benshi bakamwiyegereza.
Ariko Ijambo ry’Imana riduha umuburo usobanutse:
«Ubukire bukurura incuti nyinshi, naho umukene atana n’incuti ye.» (Imigani 19:4)

Uyu murongo ugaragaza ko hari ubucuti bushingiye ku nyungu aho gushingira ku rukundo nyakuri.
Kwemera inshuti z’ibinyoma bitera kwibeshya, gufata ibyemezo bibi, ndetse n’ubwigunge igihe ibintu bihindutse.

Ubwenge busaba kudashingira umwirondoro wacu ku mwanya dufite, ahubwo kuwushingira ku Mana; kwitondera ubucuti uko igihe gihita; no guha agaciro abahora ari abizerwa mu bihe byiza no mu bihe bikomeye.

Kuko nubwo abantu bahinduka uko ibihe bihinduka, Imana yo ntihinduka na gato:
«Sinzaguhara, kandi sinzagutererana!»(Abahebureyi 13:5)

ISENGESHO:
Mwami, duha ubwenge bwo kumenya ubucuti nyakuri, n’umutima wicisha bugufi mu bihe byose. Amina.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

WHEN STATUS CHANGES

When a person is elevated—through promotion, position, or wealth—friendships seem to multiply.
Faces smile, words flatter, and people gather around.
Yet Scripture warns us with clarity:
« Riches adds many friends. But from the pauper, even those whom he had become separated. »(Proverbs 19:4)

This verse reveals that some relationships are built on interest rather than genuine love.
Accepting false friends often leads to illusion, poor decisions, and deeper loneliness when circumstances change.

Wisdom calls us not to root our identity in status, but in God; to discern relationships over time; and to cherish those who remain faithful in both abundance and hardship.

For while people change with seasons, God never changes:
“I will never leave you nor forsake you.” (Hebrews 13:5)

PRAYER:
Lord, grant us discernment to recognize true relationships and a humble heart in every season. Amen.

Apostle Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

QUAND LE STATUT CHANGE

Lorsqu’une personne est élevée — par une promotion, une fonction ou la richesse — les amitiés semblent se multiplier.
Les visages sourient, les paroles flattent, les présences abondent.
Mais la Bible nous avertit avec lucidité:
«La richesse procure un grand nombre d’amis, mais le pauvre est séparé de son ami.» (Proverbes 19:4)

Ce verset révèle que certaines relations sont fondées sur l’intérêt plutôt que sur l’amour sincère.
Accepter de faux amis conduit souvent à l’illusion, à de mauvaises décisions et à une solitude plus grande lorsque la situation change.

La sagesse consiste à ne pas fonder son identité sur le statut, mais sur Dieu, à discerner les relations dans le temps et à chérir ceux qui demeurent fidèles dans l’épreuve comme dans l’abondance.

Car si les hommes changent selon les saisons, Dieu, lui, ne change pas:
«Je ne te délaisserai point, et je ne t’abandonnerai point.»
(Hébreux 13:5)

PRIÈRE:
Seigneur, donne-nous le discernement pour reconnaître les relations vraies et un cœur humble en toute saison. Amen.

Apôtre Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA