SHALOM: UBUZIMA IMANA IGUSHAKIRA

Ijambo Shalom (שָׁלוֹם) riva ku mizi y’igiheburayo ש־ל־ם (Sh-L-M).
Iyo mizi isobanura:
kuba wuzuye
kuba ukwiye wese
kuba ataco udakwije
kuba ataco ubuze kandi gikenewe…
Bityo rero, mu bisobanuro vy’inkomoko y’ijambo, Shalom ntirisobanura gusa “amahoro”, ariko risobanura:
imimerere aho ata kintu gihambaye kibuze kandi ata kintu cononekaye burundu.

N’iciyumviro c’ubuzima bwuzuye, ubuzima bwagaruwe, ubuzima bushizwe ku murongo n’Imana — ubuzima bufise uburinganire n’ituze.
Ivyo bigaragara muri Bibiliya yose.

Mu muco w’Abaheburayo ba kera, SHALOM ryakoreshwa nk’indamutso.
“Shalom” vyavugwa nk’amahoro canke murabeho, ariko mu vy’ukuri vyasobanura:
“Vyose bikugendere neza, ubuzima bwawe bube bwuzuye.”

Mu mibano hagati y’abantu, Shalom yasobanura:
amahoro hagati y’abantu, ukubura kw’amatati, no kugarura imigenderanire.

Mu gihugu ca Isirayeli, umwami yatwara muri shalom yazana umutekano, ubutungane, iterambere n’ituze.

Imana ni Imana ya SHALOM.
Kamere y’Imana ubwayo ifitaniye isano na shalom.
“Imana Nyen’ amahoro ibe ari yo ibeza rwose: kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, ah’ Umwami wacu Yesu Kristo azozira.” (1 Ab’i Tesalonike 5:23)

Bibiliya itwereka ko Imana idahimbarwa n’akaduruvayo, urujijo canke kurandurwa.
Iyo ikoze, ikora igamije gusanura, kwubaka bundi bushasha no kugarura.
Ahabaye amacakubiri, Imana izana ubumwe;
ahabaye ibikomere, Imana izana ugukira;
ahabaye ubwoba, Imana izana umutekano;
ahabaye ukutuzura, Imana izana ubuzuye.
Ivyo ni vyo Shalom y’Imana.

SHALOM itangurira ku Mana.
Shalom nyakuri itangurira ku gusubiza hamwe n’Imana.
“Kandi si vyo vyonyene, arikw ikindi, tunezererwa Imana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yaduhesheje kwuzura na yo.”
(Abaroma 5:1)

Iyo ata mahoro dufitaniye n’Imana, umutima wama uhangayitse.
Ariko iyo imigenderanire na Yo igaruwe, amahoro yimbitse aba mu mutima — naho ibihe bitoba vyoroshe.

SHALOM irinda umutima.
Shalom y’Imana ikora nk’uburinzi bw’imbere.
“Maz’ amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu.”
(Ab’i Filipi 4:7)

Ivyo vyerekana ko shalom idaterwa n’ibintu vyo hanze.
Ni amahoro ava ku Mana kandi arinda umutima.

SHALOM ibonekera mu migenderanire.
Iyo Imana ishyize shalom mu buzima bw’umuntu, ihindura uko afata abandi.
“Mukurikire kugiriranira amahoro n’abantu bose, n’ukwezwa, kuk’ utejejwe atazoraba Umwami.”
(Abaheburayo 12:14)

Shalom idusunikira ku:
kubabarira
kwiyunga
kugira ubugwaneza
guhagarika amatati atari ngombwa.

Shalom y’Imana ihindura imiryango n’umubano mu bantu.

SHALOM n’ukugarura.
Imana ntitanga amahoro y’imbere gusa; iranasanura ivyononekaye.
“Ubgiza bgo hanyuma buzoza kur’ iyi ngoro buzorusha ubga mbere, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kand’ aha hantu nzohaba amahoro, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.”
(Hagayi 2:9)

N’ahantu haranduwe hashobora kuba ahantu ha shalom iyo Imana ihagobotse.
Iri tegeko rikoreshwa no ku buzima bw’umuntu.

SHALOM ni umugambi w’Imana.
Shalom si iciyumviro c’abantu; ni umugambi w’Imana.
“Kuko nzi ivyiyumviro mbiyumvirako, ni jewe Uhoraho mbivuze, kw ar’ ivyiyumviro vy’amahoro, atar’ ivy’ ivyago, kugira ngo mbahe ivyizigiro vyo mw iherezo ryanyu.”
(Yeremiya 29:11)

Imana ntitegura kuranduka kwacu, ariko itegura kugarurwa kwacu.

Shalom yo muri Bibiliya ni:
amahoro ku Mana
amahoro mu mutima
amahoro mu migenderanire
kugarurwa kw’ubuzima
Ni bwo buzima Imana igushakira: ubuzima burinzwe, bubungabunzwe kandi bugaruwe na Yo.

IGISABISHO:
Mwami, Mana y’amahoro, nyunga nawe vyuzuye.
Shira shalom yawe mu mutima wanje, mu rugo rwanje no mu migenderanire yanje n’abandi.
Garura ibyononekaye muri jewe kandi unyigishe kugendera mu mahoro yawe imisi yose.
Mw’izina rya Yesu, Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA