USONERE ABAVYEYI BAWE: N’urufunguruzo rw’umugisha n’iterambere

Gusonera abavyeyi n’itegeko ry’ibihe vyose, ku bantu bose:
“Usonere so na nyoko.”(Kuvayo 20:12)

Abavyeyi n’umuyoboro canke inzira Imana icishamwo umugisha: Imana ikoresha ubuzima bwabo n’ukubaho kwabo kugira itange umugisha no kuturinda.
N’aho batoba ari beza, baguma ari ibikoresho Imana ikoresha.

Iri tegeko rizanana canke rifatanye n’isezerano:
“… kugira ng’ urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha, uhamerererwe neza.”(Gusubira mu vyagezwe 5:16)

Gusonera abavyeyi bisobanura kububaha, kubatega amatwi, kubafasha, kubasengera no guhora ubagirira umutima w’ishimwe.
N’aho batoba ari beza, kububaha bituma tugira umugisha n’amahoro mu buzima bwacu.

Gusonera abavyeyi bituma haboneka amahirwe yo guterimbere: Yozefu, Rusi na Samweli baratey’imbere kandi bagira n’umugisha kubera kwubaha ababahaye ubuzima.

Ku rundi ruhande, kutubaha abavyeyi bifise inkurikizi zikomeye: kubura umugisha, guhora mu matati, kubura iterambere no kubona imigenderanire n’abandi yononekara.

IGISABISHO:
Mana,
Ndagushimiye ku bavyeyi wampaye.
Mfasha guhora ndabubaha no kwakira umugisha wawe.
Ndinda inkurikizi zo kutabubaha.
Mw’izina rya Yesu. Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

USONERE ABABYEYI BAWE: N’urufunguzo rw’umugisha n’izamuka

Gusonera ababyeyi ni itegeko ry’igihe cyose, ku bantu bose:
“Wubahe so na nyoko.”(Kuva 20:12)

Ababyeyi ni umuyoboro rw’umugisha w’Imana: Imana ikoresha ubuzima bwabo n’uburyo babana natwe kugira ngo itwongerere umugisha n’uburinzi.
N’iyo bataba beza, bakomeza kuba ibikoresho Imana ikoresha.

Iri tegeko rizana n’isezerano:
“…kugira ngo uramire mu gihugu Uwiteka Imana yawe iguha, uboneremo ibyiza.”(Ivugururamategeko 5:16)

Gusonera ababyeyi bisobanura kububaha, kubatega amatwi, kubafasha, kubausengera no guhora ubagirira umutima w’ishimwe.
N’iyo bataba beza, kububaha bituma tugira umugisha n’amahoro mu buzima bwacu.

Gusonera ababyeyi bituma haboneka amahirwe yo kuzamuka: Yozefu, Rusi na Samweli bazamutse kandi bagira umugisha kubera kubaha ababahaye ubuzima.

Ku rundi ruhande, kutubaha ababyeyi bitera ingaruka zikomeye: kubura umugisha, guhora mu makimbirane mu muryango, kubura iterambere no kwangirika k’ubusabane n’abandi.

ISENGESHO
Mana,
Ndagushimiye ku babyeyi wampaye.
Mfasha kububaha buri gihe no kwakira umugisha wawe.
Ndinda ingaruka zo kutubaha ababyeyi.
Mu izina rya Yesu. Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

HONOR YOUR PARENTS: A Key to Blessing and Elevation

Honoring your parents is a commandment for life, at any age:
“Honor your father and your mother.”(Exodus 20:12)

Parents are a divine channel of blessings: God uses their lives and influence to transmit favor and protection.
Even when imperfect, they remain instruments through which God works.

This commandment comes with a promise:
“…so that you may live long and that it may go well with you in the land the LORD your God is giving you.”(Deuteronomy 5:16)

Honoring parents means respecting, listening, supporting, praying for them, and maintaining a grateful attitude.
Even when they are not perfect, respect opens the door to blessings and peace in our lives.

Honoring parents opens doors to elevation: Joseph, Ruth, and Samuel were lifted and blessed because of their respect for those who gave them life.

Conversely, failing to honor parents brings serious consequences: loss of blessing, family conflicts, lack of prosperity, and sometimes broken relationships.

PRAYER:
Lord,
Thank You for my parents. Help me always to honor them and receive Your blessing. Protect me from the consequences of disrespect.
In Jesus’ name. Amen.

Apostle Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

HONORE TES PARENTS: Une clé de bénédiction et d’élévation

Honorer ses parents est un commandement pour toute la vie, à tout âge:
«Honore ton père et ta mère.»(Exode 20:12)

Les parents sont un canal divin de bénédictions: Dieu utilise leur vie et leur influence pour transmettre la faveur et la protection. Même imparfaits, ils restent des instruments par lesquels Dieu agit.

Ce commandement vient avec une promesse:
«…afin que tes jours se prolongent et que tu sois heureux…» (Deutéronome 5:16)

Honorer ses parents signifie respecter, écouter, soutenir, prier pour eux et garder une attitude reconnaissante.
Même quand ils ne sont pas parfaits, le respect ouvre la porte à la bénédiction et à la paix dans nos vies.

L’honneur envers les parents ouvre les portes de l’élévation: Joseph, Ruth et Samuel ont été élevés et bénis pour leur respect envers ceux qui leur ont donné la vie.

À l’inverse, ne pas honorer ses parents entraîne des conséquences graves: perte de bénédiction, conflits familiaux, manque de prospérité et parfois rupture des relations.

PRIÈRE:
Seigneur,
Merci pour mes parents.
Aide-moi à toujours les honorer et à recevoir Ta bénédiction.
Protège-moi des conséquences de l’irrespect.
Au nom de Jésus. Amen.

Apôtre Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

KUBABARIRA UTABISABWE

Kubabarira n’urufunguruzo rukiza umutima, kare imbere y’uko uwagukomerekeje avyemera. Uko niko vyagenze no kuri Yosefu igihe yahura n’abavukanyi biwe bari baramugurishije. Ntiyabibukije ivyo bari baramukoreye, kandi ntiyashatse kubagirira nabi ngo abihore kubera ivyo bari baramukoreye, ntiyanarindiriye ko bamusaba imbabazi — yari yarababariye kera.
Yarababwiye ati:
« Nta co mutinya… Kubganyu mwagabiye kungirira nabi, arikw Imana yo yagabiye kubizanisha ivyiza. »(Itanguriro 50:19-20)

Kubabarira utabisabwe ntibisigura gushigikira ikibi, ahubwo n’ukwanka ko kikugumizamwo ububabare.
Iyo turindiriye ko uwadukoreye nabi asaba imbabazi imbere yo kumubabarira, tuba duhaye ibikomere vyacu ububasha bwo kutuganza. Ariko iyo tubabariye kakiri kare, tugarukana amahoro y’imitima.

Imana idusaba kubabarira nk’uko na Yo yatubabariye. Kubabarira kurandura inzigo, kugasenya umugozi w’ukwihora, no gutangura urugendo rwo gukira. N’iyo uwagukomerekeje atabisavye, kubabarira bigufasha gutera imbere udafise imigozi y’ahahise.

IGISABISHO:
Mwami, mpa inguvu zo kubabarira ntarindiriye gusabwa imbabazi. Nkiza mu mutima, umpe amahoro yawe, unkuremwo inzigo n’umubabaro. Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

KUBABARIRA UTATEGEREJE

Kubabarira ni urufunguzo rukomeye rwo kurekura umutima ugakira mbere y’uko uwakubabaje abyemera.
Yozefu yabigaragaje ubwo yahu­raga n’abavandimwe be bamugambaniye. Ntiyabasubizaga ku mateka, ntiyabashinjaga, ntiyategereje ko basaba imbabazi — yari yarabababariye kare.
Yarababwiye ati: “Mwitinya… Ku bwanyu mwari mushatse kungirira nabi, ariko Imana yo yashakaga kubizanisha ibyiza.”(Intangiriro 50:20)

Kubabarira utategereje ntibivuga ko ikibi kiba cyemewe, ahubwo bivuga ko utagifashwe bugwate n’agahinda. Iyo dutegereje ko abantu basaba imbabazi mbere yo kubabarira, tuba duha imvune zacu ubushobozi bwo kutuyobora. Ariko iyo tubabariye vuba, tugarura amahoro yacu.

Imana iduhamagarira kubabarira nk’uko na Yo yatubabariye. Kubabarira bituma amarangamutima mabi acika, uburakari bugashira, n’urugendo rwo gukira rugatangira. N’iyo uwakubabaje atabizi cyangwa atabyemera, kubabarira bigufasha kugenda utikoreye umutwaro.

ISENGESHO:
Mwami, mpa imbaraga zo kubabarira ntategereje gusabwa imbabazi. Nkiza umutima, unyuzuze amahoro yawe, unkuremo umutwaro w’ububabare. Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

FORGIVE WITHOUT WAITING

Forgiveness is a powerful spiritual key that frees the heart long before the offender admits their fault.
Joseph demonstrated this truth when he faced the very brothers who had sold him.
Instead of reminding them of their betrayal or demanding an apology, he chose peace.
His words revealed a heart already healed: “Don’t be afraid… You intended to harm me, but God intended it for good.”(Genesis 50:19-20)
Joseph had forgiven them long before they stood before him.

Forgiving without waiting does not excuse evil, but it prevents evil from controlling our hearts. When we wait for apologies, explanations, or justice before we forgive, we give power to the wound. But when we forgive immediately, we reclaim our peace.

God calls us to this freedom: “Forgive as the Lord forgave you.” Forgiveness lifts bitterness, breaks the cycle of revenge, and opens the way for healing. Whether the person recognizes their error or not, forgiveness allows you to walk forward without chains.

PRAYER:
Lord, give me the strength to forgive without waiting for apologies. Heal my heart, fill me with Your peace, and free me from bitterness. Amen.

Apostle Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

PARDONNER SANS ATTENDRE

Pardonner est une clé spirituelle qui libère le cœur bien avant que l’offenseur ne reconnaisse sa faute. L’histoire de Joseph en est un exemple puissant.
Lorsque ses frères vinrent se présenter devant lui, tremblants à cause du mal qu’ils lui avaient fait, Joseph ne les accusa pas et ne leur rappela pas leur trahison. Il n’exigea ni explications ni excuses.
Il avait déjà pardonné depuis longtemps.

Ses paroles reflétaient un cœur guéri:
«Soyez sans crainte… Vous aviez médité de me faire du mal: Dieu l’a changé en bien.»(Genèse 50:19-20)
Joseph n’a pas pardonné parce que ses frères se sont excusés; il a pardonné parce qu’il avait choisi la paix de Dieu.

Pardonner sans attendre ne signifie pas minimiser le mal subi. Cela signifie refuser de laisser ce mal nous emprisonner.
Lorsque nous conditionnons notre pardon à l’attitude des autres, nous livrons notre paix entre leurs mains. Mais lorsque nous pardonnons immédiatement, nous regagnons notre liberté intérieure.

La Bible nous appelle à ce chemin de vie:
«Pardonnez-vous réciproquement, comme Christ vous a pardonné.»
Le pardon arrache la racine de l’amertume, brise le cycle de la vengeance, et ouvre la porte à la guérison. Même si l’autre refuse de reconnaître sa faute, le pardon vous permet d’avancer sans chaînes.

PRIÈRE:
Seigneur, donne-moi la force de pardonner sans attendre d’excuses.
Guéris mon cœur, remplis-moi de Ta paix, et délivre-moi de toute amertume. Amen.

Apôtre Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

IYO MENYA…

Abantu benshi iyo baravye ivyo baraciyemwo mu buzima bwabo, har’aho bavuga bati: “Iyo menya…”
Bibiliya irerekana ko ukwicuza ivyo twakoze atari bishasha, ariko ko bishobora kuba inzira itujana ku buntu bw’Imana.

Adamu na Eva barariye icamwa Imana yari yababujije, baca basanga bagize isoni n’ubwoba. Adamu yavuze ati:
“Numvise ijwi ryawe mw itongo, ndatinya, kuko ndi gusa, ndinyegeza.”(Itanguriro 3:10)
Mu yandi majambo, ni nk’uko yaravuze ati: « iyo menya, sinari kurengana itegeko ry’Imana. »
Ariko Imana yaciye ibagirira ubuntu, ibaha isezerano ryo kubasubiza mu buzima busanzwe.

Umwana w’ikirara na we nyene n’uko vyamugendeye. Amaze gusesagura ivyo yari yarahawe vyose, yarisubiyemwo(Luka 15:17) — ka kanya umuntu yibwira ati: iyo menya, sinari gufata iyi nzira.
Se nawe, yari amurindiranye igishika kugira amusubize agaciro.

Petero amaze guhakana Yesu gatatu, yaraturitse ararira
(Luka 22:62). Mu mutima wiwe hari havuze hiti: « iyo menya… »
Ariko Yesu yarasubiriye kumwizera akamushinga amabanga yo kumukorera
(Yohani 21:15–17).

Izo nkuru zose ziratwereka ko umubabaro wo kwicuza atari iherezo.
Bibiliya ivuga iti:
“Umubabaro wo mu buryo bg’Imana utera ukwihana kuticuzwa, kuzana agakiza.” (2 Abakorinto 7:10) — umubabaro utujana ku buzima, atari ku gucirwa urubanza.
Kandi Imana idusezeranya iti:
“Nzobashumbusha iyo myaka mwamaze inzige zisanganguye ivyanyu, zimwe zararaye n’izitaragurika n’iziyigiza n’izikegeta.”(Yoweli 2:25)
Nta kahise kabi Imana itoshobora gukiza.

Aho kubaho muri “iyo menya”, Imana iduhamagarira kurondera ubgenge bwo kutazosubira mu makosa muri kazoza:
“Asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinubge, idaterana imirarwe, azobuhabga.”(Yakobo 1:5)

IGISABISHO:
Mwami, nyakira ukwicuza kwanje uguhindure intango nshasha.
Urakoze gunsubiza ivyo natakaje no kumpa ubgenge bwo gutera intambwe ntatinya.
Mw’izina rya Yesu, Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

IYO MBIMENYA…

Benshi barareba inyuma mu buzima bakavuga bati: “Iyo mbimenya…”
Bibiliya igaragaza ko iki cyiyumvo cyo kwicuza kitari gishya, ariko ko gishobora kuba inzira yo kugera ku buntu bw’Imana.

Adamu na Eva bariye ku mbuto ibujijwe maze basanga bagize isoni n’ubwoba. Adamu yavuze ati:
“Numvise imirindi yawe muri iyi ngobyi, ntinyishwa n’uko nambaye ubusa, ndihisha.”(Itangiriro 3:10)
Mu yandi magambo: iyo mbimenya, sinari kurenga ku mategeko.
Ariko Imana yahise ibaha isezerano ryo kubasubiza mu buzima busanzwe.

Umwana w’ikirara na we byamubayeho. Amaze gusesagura ibyo yahawe byose, yaricaye arongera yisubiramo (Luka 15:17) — icyo gihe umuntu yibwira ati: iyo mbimenya, sinari gufata iyi nzira.
Nyamara se yari amutegereje ngo amusubize agaciro ke.

Petero amaze guhakana Yesu gatatu, yararize cyane (Luka 22:62). Umutima we wari urimo kuvuga uti: « iyo mbimenya… »
Ariko Yesu ntiyamutaye, yarongeye amusubiza mu murimo we (Yohana 21:15–17).

Izi nkuru zose zerekana ko kwicuza atari iherezo.
Bibiliya ivuga iti:
“Agahinda ko mu buryo bw’Imana gatera kwihana kuticuzwa, na ko kukazana agakiza…”(2 Abakorinto 7:10) — umubabaro uduha amahirwe mashya aho kuducira urubanza.
Kandi Imana isezerana iti:
“Nzabashumbusha imyaka inzige zariye, n’iyariwe n’uburima n’ubuzikira na kagungu, za ngabo zanjye zikomeye nabateje.”(Yoweli 2:25)
Nta mateka mabi Imana itabasha gukiza.

Aho kugira ngo dukomeze kuba muri “iyo mbimenya”, Imana iduhamagarira gushaka ubwenge bwo kutazongera gukora amakosa mu bihe biri imbere:
“Niba hariho umuntu muri mwe ubuze ubwenge, abusabe Imana iha abantu bose itimana, itishāma kandi azabuhabwa.”(Yakobo 1:5)

ISENGESHO:
Mwami, fata kwicuza kwanjye uguhindure intangiriro nshya.
Urakoze kunsubiza ibyo nataye no kumpa ubwenge bwo gukomeza ntinya.
Mu izina rya Yesu, Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA