“Kubganyu mwagabiye kungirira nabi, arikw Imana yo yagabiye kubizanisha ivyiza, kugira ngw ishitse ibiriho mur’ iyi misi, ikize abantu benshi, boye gupfa.”(Itanguriro 50:20)
Mu buzima, birashika ko intsinzi, ubutoni canke ingabire Imana iduha, bituma abandi batadukunda ahubwo batugirira ishari.
Tukankwa, tukagirirwa nabi canke tugahemukirwa kubera ico Imana yashize muri twebge.
Ariko, Imana yo ntiyigera itwibagira.
N’Imana itibagira abayo kandi isubiza icubahiro abacambuwe bidakwiriye.
I. Intsinzi irashobora gutuma abantu bagira ishari (Yozefu, Dawidi, Yesu)
Yozefu nta kibi yari yarakoreye abavukanyi biwe uretse gusa ko yababwiye indoto yahawe n’Imana.
Ariko, kubera imitima yabo yari yuzuye ishari, biyumviriye kumugirira nabi.
“Bene se bamugirira ishari.”(Itanguriro 37:11)
Dawidi yakijije Isirayeli mu kwica Goliyati.
Kubera iyo ntsinzi, abantu baciye bamukunda cane. Ariko Sauli we vyamuteye kugira ishari.
“Kuva uyo musi Sauli yama araba Dawidi ijisho ribi.”(1 Samweli 18:9)
Yesu yarakijije abarwayi, ariko abakuru b’idini baciye batangura kugira umugambi wo kumwica.
Ico abo bose bahurirako:
Bose bagize abansi bidaturutse ku makosa yabo, ariko ari kubera intsinzi n’ubushobozi bw’Imana bwari kuri bo.
II. Kwankwa biragira iherezo
Yozefu yaratawe mu cobo, munyuma aranafungwa.
Dawidi yarahunze imyaka myinshi yibera mu bugaragwa.
Daniyeli yaratawe mu rwobo rw’intambwe.
Yesu yarabambwe ku musalaba.
Ariko nta n’umwe mur’abo bose Imana itatabaye.
Kubera iki?
Kuko bagumije umutima wabo mwiza, n’ukwizera kwabo ntikwigeze guhungabana.
“Vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abahamagawe nk’uko yabigabiye.”(Abaroma 8:28)
Ahantu twababariye harashobora guhinduka ahantu hatangirwa intahe y’umunezero.
III. Imana isubiza icubahiro kandi ishira hejuru abayo bayizigira
Yozefu yarabaye umushikiranganji wambere ku ngoma ya Farawo (Itanguriro 41).
Dawidi yagizwe umwami wa Isirayeli yose (2 Samweli 5).
Daniyeli yarashizwe hejuru kurusha abandi amaze kuva mu rwobo rw’intambwe (Daniyeli 6:28).
Yesu yarazutse kandi ubu yicaye iburyo bwa Data wa twese (Ab’i Filipi 2:9-11).
Iyo Imana igushize hejuru, nta n’umwe ashobora kuvyanka.
IV. Ivyo wokora mu mwanya ukirindiriye gusubizwa icubahiro canke gushirwa hejuru*
1.Guma wizerera Imana, nk’uko Yozefu yabigize ari mw’ibohero, Dawidi ari mu buhungiro, canke Yesu imbere y’umusaraba.
2.Ntusubize ikibi ku kindi.
Babarira nk’uko Yozefu yabigize.
3.Guma ukorera Imana neza no mu gihe ata muntu n’umwe yoba abibona.
Imana irabibona, naho woba uri mu mwijima.
4.Ntiwicuze canke ngo ucike intege.
Igihe c’ugusubizwa icubahiro kiraza.
Woba umaze kubona hadutse n’abansi kubera ivyo Imana yashize muri wewe?
Uriko uraca mu “cobo” mu buryo bw’amarangamutima, mubijanye n’akazi canke mu buryo bwo mu mpwemu?
Nimba uno musi uri mu gihe c’akarenganyo, co kugwanywa canke kwankwa, ntucika intege, gumana ukwizera kwawe, kandi ntibikubabaze. Iture Imana yawe.
N’Imana idahinduka kandi igarukira abayo.
Nk’uko yabigize kuri Yozefu, Daniyeli canke Yesu, Imana izoteba ivuge ijambo ryayo rya nyuma.
Icobo woba urimwo gishobora kuvamwo intebe y’icubahiro yawe y’ejo.
“Mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngw’iz’ ibashire hejuru mu gihe gikwiye.”(1 Petero 5:6)
Apôtre Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA