“Za ngabo zimanutse iyo Elisa ari, asaba Uhoraho, ati Ndakwinginze, suka uruhuni mu maso y’aba bantu. Nukw abatamw’ uruhuni, nk’uko Elisa yasavye.”(2 Abami 6:18)
Iyo Imana ishaka gukingira abana bayo, ntihita isambura abansi babo — rimwe na rimwe irahumisha amaso y’abansi babo kugira ngo ntibababone.
Ivyo ni vyo vyashitse kuri Elisa: ingabo zose zariko ziramurondera, ariko Imana yarazirahumye amaso yazo, ntibasubiriye kumubona.
Imana irashobora kugira nk’aho ishyize amahwa mu maso y’abakwirukako baguhama, kugira ngo ntibakubone canke ngo bagukoreko.
Dawidi yarasavye ati:
“Abarondera ubugingo bganje bamaramare, bateterwe,
Abangira inama yo kungirira nabi basubizwe inyuma, bicwe n’isoni.”(Zaburi 35:4)
Imana irazi gusambura imigambi y’abansi no guhisha abayo munsi y’amababa yayo.
Iyo iguhishije, uba nk’uwutaboneka n’aho woba uri hagati y’abantu.
Ntutinye rero — Imana yawe irakugwanira, rimwe na rimwe ikagukingira mu buryo buhambaye, bugoye kwumva.
Abashaka kukugirira nabi, bazokurondera bakubure, kubera Imana izoba yabahumye amaso kugira ngo igukize.
“Abantu igihumbi bazohindikirana i ruhande yawe,
N’ibihumbi cumi i buryo bgawe,
Ariko ntibizogushikako.”
(Zaburi 91:7)
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
Icabona c’ubuntu bugarura ubuzima
