UKO IMANA IHISHA ABANA BAYO MU MASO Y’ABANSI

“Za ngabo zimanutse iyo Elisa ari, asaba Uhoraho, ati Ndakwinginze, suka uruhuni mu maso y’aba bantu. Nukw abatamw’ uruhuni, nk’uko Elisa yasavye.”(2 Abami 6:18)

Iyo Imana ishaka gukingira abana bayo, ntihita isambura abansi babo — rimwe na rimwe irahumisha amaso y’abansi babo kugira ngo ntibababone.
Ivyo ni vyo vyashitse kuri Elisa: ingabo zose zariko ziramurondera, ariko Imana yarazirahumye amaso yazo, ntibasubiriye kumubona.

Imana irashobora kugira nk’aho ishyize amahwa mu maso y’abakwirukako baguhama, kugira ngo ntibakubone canke ngo bagukoreko.
Dawidi yarasavye ati:
“Abarondera ubugingo bganje bamaramare, bateterwe,
Abangira inama yo kungirira nabi basubizwe inyuma, bicwe n’isoni.”(Zaburi 35:4)

Imana irazi gusambura imigambi y’abansi no guhisha abayo munsi y’amababa yayo.
Iyo iguhishije, uba nk’uwutaboneka n’aho woba uri hagati y’abantu.

Ntutinye rero — Imana yawe irakugwanira, rimwe na rimwe ikagukingira mu buryo buhambaye, bugoye kwumva.
Abashaka kukugirira nabi, bazokurondera bakubure, kubera Imana izoba yabahumye amaso kugira ngo igukize.

“Abantu igihumbi bazohindikirana i ruhande yawe,
N’ibihumbi cumi i buryo bgawe,
Ariko ntibizogushikako.”
(Zaburi 91:7)

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
Icabona c’ubuntu bugarura ubuzima

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *