Uko tuvuga kwerekana ibiri mu mutima.
Abantu benshi bibaza ko ari ibintu bito gusezeranya abandi ivyo badashobora kwubahiriza, gutanga ama « rendez-vous » batubahiriza, canke kuvuga ngo “ego” kandi batabishaka canke batabishoboye. Ariko imbere y’Imana, ivyo s’ibintu bitoya: Bijanye n’ukuri, ubwizigirwa n’ubutungane.
Yesu yaravuze ati: “Ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya: ikirenze ivyo kiva kuri wa Mubi.”(Matayo 5:37)
Ayo majambo arerekana ko buri sezerano tugize rihamagara kamere yacu.
Kuvuga ngo “ndaza”, “nzoba ndahari” canke “nzobikora” s’ibintu vyoroshe. N’ugushira ubwizigirwa bwacu ku munzane.
Iyo “ego” yacu ihindutse “tuzovyihweza”, ijambo ryacu riba riratakaye, kandi tuba duteye intimba Imana.
Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Iminwa y’ibinyoma n’igisesema k’Uhoraho, Arikw abakora ivy’ ukuri ni bo bamuhimbara.”(Imigani 12:22)
Kutubahiriza ivyo twasezeranye s’ikibazo c’ukudatunganya ibintu gusa; n’uburyarya bwo mu majambo—ivyo twavuze ntitubikore—kandi bibabaza uwaturindiriye.
Imana ishaka ko abana bayo baba abantu bashobora kwizerwa.
No kutaja aho wabwiye abandi ko muhahurira birababaza.
Ijambo rivuga riti: “Ntukabgire mugenzawe, uti Genda, uz’ugaruke, Ejo nzoguha; Kand’ ubifise ngaho.”(Imigani 3:28)
Ni nka wa wundi avuga ati: “Ndahari”, atariho ari.
Inyuma y’ijambo ritubahirijwe hari umutima w’umuntu ukomeretse.
Kwubahiriza ijambo ryawe n’igikorwa c’urukundo.
Ubwizigirwa n’urufunguruzo rw’ivy’impwemu.
Zaburi 15 ivuga ko umuntu agororotse ari uwo “uwutirahuruza naho ico yarahiye comugirira nabi.” Imana yegera cane abantu ijambo ryabo ridahindagurika kubera ubwizigirwa ari kamere yayo.
Ivyo yavuze irabikora.
Ntibesha, ntiyicuza, ntiyisubirako.
Iyo twubahirije ijambo, tuba tugaragaje kamere yayo iri muri twebge.
Ariko ubuhemu burasambura ukwizigira.
“Kwizigira umuntu w’igihemu mu gihe c’amagorwa, Ni nk’iryinyo ricitse, n’ukuguru gukondotse.”(Imigani 25:19)
N’umubano urashobora gupfa kubera umuntu adashobora gukurikiza ivyo avuga.
Imana ishaka ko tuba abantu badahindagurika, batagoyagoya, abantu bashobora kwizerwa.
Nimba war’usanzwe woba waramenyereye kwemera ivyo utari bukore, gusezeranya abandi ivyo utari bwubahirize, canke kwihuta kuvuga ego, Imana nta rubanza iguciriye.
Imana ikurindiranye igishika kugira ngo iguhindure. Mpwemu wayo ni Mpwemu w’ubwizigirwa.
Aho wahora unyerera, irashobora kuhagukomereza. Aho ijambo ryawe ryahora ritakarira, Imana irashobora kuryongera agaciro.
Bitangurira ku mugambi umwe: kwifuza ko ijambo ryawe ribamwo ukuri.
Kristo ni we karorero.
Yarubahorije ijambo ryose Data yavuze. Yaje nk’uko vyavuzwe, arapfa nk’uko vyahanuwe, kandi arazuka nk’uko vyasezeranijwe.
Ubwizigirwa ni kamere yiwe, kandi ashaka kuyishira muri twebge.
Kwubahiriza ivyo wasezeranye s’ukugira discipline gusa, n’ukugendera mu kuri no kugaragaza kamere y’Imana muri wewe.
Uhoraho aguhe kuba umuntu ijambo ryiwe rifise agaciro, umuntu “ego” yiwe iba ego vy’ukuri, kandi ubwizigirwa bwiwe buhimbara Imana.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
