Imana ntiyigeze ikenera amafaranga y’abantu.
Ni Yo soko ry’ubuzima, y’impwemu duhema, y’amagara meza n’ibihe vyiza bituma umuntu atera imbere.
Imbere y’uko umuntu aronka amafaranga, Imana imuha ubuzima, imuha inkomezi zo gukora, kandi ikamutunganiriza imimerere n’ibihe bituma abasha gukora no kunezerererwa ivyo afise
(Ivyakozwe n’Intumwa 17:25; Gusubira mu Vyagezwe 8:18).
Amafaranga ntaza imbere y’Imana, ahubwo ava ku Mana.
Kwiyumvira ko Imana ikenera amafaranga yacu n’ukwibagira ko isi n’ibiyirimo vyose ari ivyayo
(Zaburi 24:1).
Mw’Isezerano rya Kera, ikigiracumi (dîme) nticari uburyo bwo gutungisha umuntu ku giti ciwe.
Cari gifitaniye isano n’ubusaseroti bw’Abalewi kandi kigamije ku butungane n’ukwitaho abababaye.
Ivyanditswe birabivuga neza cane:
“Ku mpera y’umwaka wose ugira gatatu muze mwame mukura ikigiracumi ku vyo mwejeje vyose mur’ uwo mwaka, mubikoranirize i wanyu, kugira ngw Abalewi, kuko badafise umugabane cank’ ishamvu muri mwebge, bo n’inyambukira, n’impfumvyi, n’abapfakazi, baba i wanyu, babone kuza, barye, bahage; kugira ng’ Uhoraho Imana yanyu abahezagire mu bikorwa mukora vyose.”
(Gusubira mu Vyagezwe 14:28–29)
Kuva kera rero, amashikanwa yari agenewe abakene, impfuvyi, abapfakazi n’abanyamahanga
(Gusubira mu Vyagezwe 26:12).
Uyu munsi, nta Balewi bakiriho, nta rusengero (temple) rukiriho, kandi Isezerano Rishasha ntiritegeka igitigiri kanaka.
Yesu ntiyigeze ategeka abigishwa biwe gutanga ikigiracumi, kandi n’intumwa ntizashizeho igitigiri kidahinduka.
Itegeko ryo gutanga mu bukristo riratomoye:
“Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’ atagoberewe, kukw Imana ikunda utanga anezerewe.” (2 Ab’i Korinto 9:7)
Ariko birababaje cane kandi birakomeye mu buryo bw’impwemu kubona ko, muri iki gihe, amafaranga y’ikigiracumi n’amashikanwa akoreshwa mu kwubaka amazu y’akataraboneka no kugura ibintu vy’igiciro kinini, mu gihe abakene, impfuvyi, abapfakazi n’impunzi basigara birengagijwe.
Ivyanditswe biriyamiriza umururumba wo mu by’umwuka kandi bigasaba abarongoye ishengero gukorera Imana batagamije kurondera inyungu zabo
(1 Petero 5:2–3; 1 Timoteyo 3:3).
Ishikanwa ridafasha kugabanya imibabaro y’abantu riba ryataye intumbero ya Bibiliya.
Ishengero ryironderera amatungo hagati y’imibabaro y’abantu riba ryaravuye ku mutima w’Ubutumwa Bwiza (Yakobo 1:27).
Muri Bibiliya, “umunyamahanga” s’umushitsi gusa.
N’umuntu yavuye mu gihugu ciwe, atagira uwumukingira canke umutekano.
Mu bihe vy’ubu, birakwiye kwumva ko umunyamahanga wo muri Bibiliya ariwe impunzi yo muri iki gihe
(Abalewi 19:34; Gusubira mu Vyagezwe 10:18–19).
Yesu yihuje ubwiwe n’abo bantu bababaye.
Avuga ati:
“Nari nshonje, murangaburira, nari mfise inyota, mumpa ico nnywa; nar’ ingenzi, mumpa indaro” (Matayo 25:35)
Kandi yongerako ati:
“Ko mwabigiriye umwe mur’ aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.” (Matayo 25:40)
Gukorera abakene, impfuvyi, abapfakazi n’impunzi ni ugukorera Kristo ubwiwe.
Rero Imana ntikeneye amafaranga yawe.
Ikeneye umutima wawe, imbabazi zawe n’ubutungane bwawe
(Mika 6:8).
Ishikanwa ry’ukuri ntiripimwa n’ingero z’amafaranga, ahubwo ripimwa n’ubuzima busubirijwe, icubahiro gisubijwe n’urukundo rugaragara mu bikorwa.
IGISABISHO:
Mwami Mana,
Wewe soko ry’ubuzima n’ivyiza vyose, tunganya imitima yacu uyikuremwo umururumba n’iyobokamana ridafise ukuri.
Twigishe gutanga dukurikije umutima wawe, tumenye kukubona mu mukene, mu mpfuvyi, mu mupfakazi no mu mpunzi, kandi tugukorere mu korera aboro.
Ukwizera kwacu kube kuzima, gutunganye kandi kugirira imbabazi abandi, kugira ngo izina ryawe rishimagizwe.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
