Urashaka kumenya umuntu?
Muhe amahera.
Amafaranga canke amahera ntahindura umutima w’umuntu, awugaragaza uko uri.
Agaragaza ivyo umuntu anyegeje mu mutima.
Iyo umuntu abonye amafaranga, ingeso zose zari zinyegeje muriwe zica zija ahabona:
ubwirasi, ubwibone, amanyama, ubusambanyi, agasuzuguro, ukwigenga, n’izindi nyinshi.
Amafaranga asambura ico umuntu yari anyegeje inyuma y’ubwiyorobetsi.
“Kuko ah’ ubutunzi bgawe buri, ari ho umutima wawe uzoba.” (Matayo 6:21)
Amafaranga ni ikigeragezo c’impwemu.
Agaragaza ivyo dukunda n’ivyo dushira imbere.
Yuda yayahisemwo kuruta Yesu.
Ananiya na Safira barayabesheye.
Ariko Zakayo, akoze ku buntu bw’Imana, yayakoresheje mu gusubiza abo yakoreye nabi.
“Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose…” (1 Timoteyo 6:10)
Amafaranga s’umuvumo, ahubwo n’icirore umuntu yirabamwo.
Yerekana ivyo dukunda cane
kandi agaragaza ko Imana iri hejuru y’umutima wacu canke atari vyo.
“Ugabitanya ku coroshe cane, agabitanya no ku gikomeye.” (Luka 16:10)
Imana ntiyitegereza ivyo dufise, ahubwo iraba ukuntu tubikoresha.
Ubutunzi nyakuri s’ibiri mu ntoke zacu, ahubwo buri mu mutima wera kandi w’ukwizigirwa.
IGISABISHO:
Mwami, Zigama umutima wanje imbere y’amafaranga.
Mfasha kuguma ndi umwizigirwa kandi ngira ico mfasha abandi.
Ni wewe wenyene uri ubutunzi nyakuri. Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
