AMAHORO N’URUKUNDO BIRASHOBOKA

Bibiliya itubwira ko inyamaswa zose zabanye mu mahoro mu bgato bga Nowa!

« Ibikoko vyose nk’ukw amoko yavyo ari, n’ibitungano nk’ukw amoko yavyo ari, n’ivyikwega hasi vyose nk’ukw amoko yavyo ari, n’ibiguruka mu kirere vyose nk’ukw amoko yavyo ari, ibifise ivyubi vy’uburyo bgose. Vyinjirana na Nowa mu bgato, bibiri-bibiri mu bifise umubiri vyose, biri n’ubugingo bihumeka. »(Itanguriro 7:14-15)

Ko ibikoko vyose vyashoboye kubana mu mahoro, ata gitera ikindi, mu bgato bga Nowa, ni icemezo ko twe abantu dushobora kubana mu rukundo no mu mahoro.
Ibaze, intare ntiyariye umwana w’intama kandi inzoka ntiyakomoye umuntu!
N’ubwo huzuye amatati atandukanye hagati y’abantu kandi n’ubwo hari inzankano nyinshi, turafise icemezo ko amahoro n’urukundo bishoboka, kandi ijambo ry’Imana riduhimiriza kurondera icogira uruhare mu mahoro no gukomezanya.
« Nuko dukurikire ivy’ amahoro n’ivyo gukomezanya. »(Abaroma 14:19)
N’iki uriko urakora none kugira ngo ugire uruhare mu mahoro no gukomezanya kw’abagize umuryango wawe, abagize isengero ryanyu, ababanyi mubana canke abo mukorana?

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora turondera icogira uruhare mu mahoro n’urukundo mu bantu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *