AMARANGO AJA I SIYONI ARASOBANUTSE

Umwanditsi wa zaburi avuga ko abemera Imana kandi bakayizera bahiriwe kuko babona inzira zisobanutse mu mitima yabo:

« Hahirwa umuntu inkomezi ziwe zihagaze muri wewe,Hahirwa abafise mu mitima amarango aja i Siyoni. »*(Zaburi 84:5)

Muvy’ukuri, umutima wacu utemera Imana mu bisanzwe ni nk’ubugararwa butagira inzira. Ariko twugururiye Imana umutima, Mpwemu Yera aca akurikirana inzira zo kwizera no kwihana.
Kuba dufise mu mitima yacu amarango aja i Siyoni bisobanura ko ingorane n’ibibazo bitsindwa hakiri kare kubwo kwizera kwo mu mutima wacu.
Mbega ahandi ho n’iki kidashoboka ku mutima ufise inkomezi mu Mana? Ntaco.
Nta kintu rero gishobora kudutera ubwoba mu gihe inkomezi zacu zoba ziri mu Mana.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kukwizigira muri vyose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *