BIME AMATWI

Hari igihe ijwi ry’Imana ritegerezwa kwumvikana cane muri twebwe kuruta ayandi yose.
Uko ni ko vyagenze kuri Yeremiya.
Yeremiya yari akikujwe n’abavugishwa b’ibinyoma, abajanama b’ababeshi hamwe n’abantu bamuvuga nabi kugira ngo ubutumwa bwiwe bugoyagoye, yumvise Imana imubwira ngo abwire abantu ijambo ryoroshe ariko rihambaye:

“Ntimwumvirize amagambo abo ba kamenyi bababarira…”(Yeremiya 23:16)

Ico gihe, hari abantu biyita ba kamenyi, abavugishwa n’Imana ariko ijambo ryabo ridaturuka ku Mana. Bagenda baravuga nabi Yeremiya kugira ngo abantu bamwanke, bagenda barahinyura ubutumwa bwiwe kugira ngo babugire ubutagira ishingiro, kandi bagenda barerekana inzira zitari iz’Imana kugira ngo bayobore igihugu.

Ubutumwa bwabo bwari ububeshi, ntibwatuma abantu begukira Imana, ahubwo bwabakura mu nzira yo kuyitinya.

Uko ntikwari ukugabisha gusa; kwari uburinzi bwo mu vy’impwemu. Kuko amajwi yose ntakwiye kwumvirizwa. Amwe amwe aba ari imitego, ayasamaza canke ayica imitima.

Imana yari izi ko Yeremiya aramutse yitwaritse ibihuha, ukunegura n’ibinyoma, yoca azimira akava ku butumwa bwiwe. Mu buryo nk’ubwo nyene, mu buzima bwacu bwa minsi yose, hari amajwi dutegerezwa kwitandukanya na yo kugira ngo tuzigame amahoro yacu, ukwemera kwacu, n’ubucuti dufitaniye n’Imana.

Ntukabumvirize igihe abantu barondera kunyiganyiza ivyo Imana yashize mu mutima wawe.

Yeremiya yari yararonse ubutumwa butomoye, ariko abandi bahanuzi bavuga ibihushanye n’ivyo avuga, bavuga bati: “Ivyo avuga ntibizoshika.” Bashaka kuzimya ivyo Imana yari yacanye.
N’ubu, bamwe bazogerageza kukwemeza ko ihamagarwa ryawe atari ryo, ko indoto yawe ari nini cane, canke ko udashoboye. Iyo amajambo yabo avuguruza ubuyobozi Imana yaguhaye, ntubumvirize.

Bime amatwi iyo bamwe baje kuvuga nabi abandi kugira ngo bagutere ubumara mu mutima.
Mu gihe ca Yeremiya, abavugishwa b’ibinyoma baramuvuze nabi kugira ngo abantu bamwanke.
Uno musi, bamwe barondera kurema amacakubiri, bakabiba amakenga, canke bagatuma wanka abo Imana yaguhaye.
Yamara rero Bibiliya ivuga yuko “urukundo rwihanganira vyose kandi rwizigira vyose.”
Iyo umuntu ashaka kukwuzuza ishavu, inzigo canke kwihebura, mwime amatwi.

Ntiwumvirize iyo amajwi agerageza kukuca intege.

Yeremiya yaguma aterwa ati: “Reka, nta n’umwe akwumviriza.” Ugucika intege ni ikirwanisho ca shetani.
Iyo wumvirije abagabanya utwigoro twawe, bagasuzugura ivyo ukora, canke batigera babona ivyiza Imana ikora muri wewe, urashobora kwihebura.
Ariko Imana irakubwira nk’uko yabibwiye Yeremiya iti: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe.”

Ntukabumvirize igihe amajambo yabo akujana kure y’Imana.

Imana yavuze iti: “Barazimiza abantu banje.”
Hari amajwi akujana kure y’isengesho, kure y’ukuri, kure y’ubweranda, kure y’inzu y’Imana, canke mbere akagujana kure y’ugutahura kwawe bwite mu vy’impwemu.
Bakubwira bati: «Ntaco bimaze… Ushobora gutera intambwe inyuma… Imana izobitahura…»
Ariko ijwi ryose rishaka ko ugoyagoya mu vy’impwemu n’ijwi udategerezwa kwumvira.

Ntubumvirize iyo ivyo bavuga bivuguruza Ijambo ry’Imana.
Imana iti: «Si jewe nabatumye.»
Igipimo c’ukuri c’ijwi s’uko riza rikora ku marangamutima canke uko risa, ahubwo n’ukudahemuka kwaryo kw’Ijambo ry’Imana, rikaza rivuga ivyo ijambo ry’Imana rivuga.
Nimba amajambo yabo avuguruza Ivyanditswe, nimba akujana mu caha, mu gukekeranya, canke mu gutandukana n’Imana, rero Imana ikubwira neza iti: “Ntubumvirize.”

Mu buzima bwawe, benshi bazovuga: bamwe bakwubaka, abandi bagusambura.
Bimwe kugira ngo bikumurikire, ibindi kugira ngo bikujane kure y’aho uzoshika.
Ariko ijwi ry’Imana riguma ari ryo rigushikana mu mahoro, mu muco, mu kuri no mu gukura. Iryo jwi ni ryo utegerezwa kwumviriza.

IGISABISHO:
Mwami, mpa ubwenge bwo kumenya amajwi ava kuri Wewe n’ayarondera kunzimiza.
Nkomereza umutima wanje kugira ngume nd’intahemuka kw’Ijambo ryawe.
Mfasha kugendera mu kuri, mu mahoro no mu rukundo, unyigishe kwumviriza ijwi ryawe gusa, ryo riyobora rikagarura ubuzima.
Mw’izina rya Yesu, Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *