Muri Yohana 8:11, Yesu yabwiye wa mugore yari yafashwe asambana ati:
« Nanje singucira urubanza. Ni wigire, guhera ubu ntuz’ usubire gukora icaha. »
Ibi vyabaye birakomeye cane. Imbere ya Yesu hari umugore yananiwe, yicuza, yaciriwe urubanza n’abantu bose, yiteze gusa igihano. Ariko aho kumwagiriza, Yesu yamwugururiye irembo ata wundi yari kurimwugururira: imbabazi, hanyuma ijambo rihindura ubuzima bwiwe.
kuba yaramubgiye ati: «Ni wigire, guhera ubu ntuz’ usubire gukora icaha», ntiyamuremetse umutwaro atari bushobore, ahubwo yamuhishuriye yuko ubuzima bushasha bushoboka. Ico Yesu ategetse, aratanga n’ubushobozi bwo kugikora.
Ivyo tudashobora guhindura n’ubushobozi bgacu, Yesu arashobora kubihindura muri twebge.
Abantu benshi baragerageza kurwanya ingeso zimwe zimwe zabo, intege zabo, n’ibicumuro vyabo ku bwabo. Benshi baratsindwa, baragwa, baracika intege.
Ariko Yesu aratwibutsa ati: «Mutari kumwe nanje, ntaco mwokwishoboza».
Mu vy’ukuri, «Ntaco tutoshobora, turi kumwe na Yesu abidushoboza.»
Uguhinduka ntikuva ku bushake bw’umuntu, ku bushobozi bwiwe, ariko kuva ku bubasha bw’ubuntu bwiwe.
Yesu ntahindura ibikorwa gusa; ahindura umutima. N’uko hari abambuzi bahindutse barareka kwiba, abasambanyi bahindutse barareka ubwo buzima bw’imburakimazi, inkozi z’ibibi zarahindutss ziravavanura n’ububisha.
Abo bose, s’uko bari bakomeye, ariko n’uko babaye ibiremwa bishasha muri Kristo.
Ivyo Yesu yabakoreye, nawe arashobora kubigukorera.
Nturi umuntu w’intege nke bidasanzwe, nturi n’umuja cane mu caha, ntaho utandukaniye n’abandi, kuko nturi ikintu kidasanzwe.
Yesu ntakubwira ngo: «Nubanze uhinduke, hanyuma uze.» Akubwira ati: «Ingo uko uri, jewe nzoguhindura.»
Ijambo ryiwe kuri wewe si «Ntibishoboka», ahubwo ni «BIRASHOBOKA !» Hamwe na We, gutsinda icaha s’indoto, n’urugendo rw’ukuri rutangurira mu umutima wahindutse.
Inguvu ntiziva kuri wewe. Ziva kuri We. N’iyo uguye, ubuntu bwiwe buraguhagurutsa. No mu gihe wiyumva udashoboye, Mpwemu Yera aragukomeza. Kandi Imana ivuga iti: «Ubuntu bwanje buraguhagije.»
Ntigusaba kuba umuntu atunganye muri vyose, ariko igusaba kuyizera, Kugenda uciye bugufi, Umutima wuguruye, Intambwe ku yindi, mu nzira ikweretse. Hanyuma, uko ugendana na Yesu, icaha kiratakaza ububasha, kazoza k’ukuri kagafunguka.
Nimba reri Yesu yabwiye uwo mugore ati: «Ni wigire, guhera ubu ntuz’ usubire gukora icaha», n’uko ari kumwe na we bishoboka. Kandi niba bishoboka kuri we, birashoboka no kuri wewe. Ivyo woba waraciyemwo vyose muri kahise kawe, uri kumwe na Yesu, kudasubira gukora icaha BIRASHOBOKA !
IGISABISHO:
Mwami Yesu, ndemera intege nke zanje n’aho natsinzwe, ariko nemera yuko ubuntu bwawe bushobora kumpinduramwo umuntu mushasha.
Hindura umutima wanje, unshoboze kugendera mu mugambi wawe, kandi ukore muri jewe ivyo ntashobora ku bwanje. Ndi kumwe nawe, birashoboka. Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
