Abantu barahinduka, ibihe birahinduka, kandi n’ubufasha bw’abantu burahinduka.
Ariko muri ivyo bihe bishobora gutuma duhungabana, ukuri kumwe kudashobora guhinduka n’uku: Imana igumana natwe.
Mu rugendo rwacu, Imana iduhitamwo abantu badufasha. Abo bantu barashobora kutwugururira amarembo, kudufasha kwikorera imitwaro, no kudushigikira mu rugendo rwacu.
Ariko nta n’umwe muri bo ari ntayegayezwa ku mugambi w’Imana. N’ibikoresho, s’isoko.
“Yesu Kristo uko yar’ ar’ ejo, n’uyu musi ni kw akiri, ni kw azokwama ibihe bidashira.” (Abaheburayo 13:8)
Mumenye ibi: nimba Imana yemeye ko umuntu yigeze kugufasha aguheba, ntibisobanura ko ata wundi ashobora gufata uwo mwanya. Imbere y’uko uwo muntu aguheba, Imana iba yamaze gutegura uwundi muntu afata uwo mwanya.
Ijuru ntirikorera mu buryo bw’impanuka.
“Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’ igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco.” (Umusiguzi 3:1)
Iy’ubufasha bw’umuntu burangiye, s’uguhagarika gusa, ahubwo n’ihinduka ry’igihe. Imana ntiyokwugara urugi ituguruye urundi.
Ico wumva nk’igihombo kenshi kiba ari intangi y’urugendo rw’igihe gishasha.
Yosefu yarabibonye. Yashigikiwe n’umurinzi wa gereza, hanyuma afashwa n’umusirikare. Igihe uwo musirikare amwibagira, Imana yo ntiyari yamwibagiye. Uburyo abantu bamwihojeje bwategura ijwi rya Farawo. Igikoresho carahindutse, ariko umugambi w’Imana warabandanije.
“Maze Farawo atuma guhamagaza Yosefu, bamuturumbura mw ibohero n’ingoga…”
(Itanguriro 41:14)
Imana ikora uko yakoze kuri Mose.
Igihe inzu ya Farawo yiyugara, Imana yuguruye inzu ya Yetiro. Iyo imfashanyo ibuze hamwe, iyindi iraboneka, kenshi ahantu utari uyiteze.
“Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena. (Zaburi 23:1)
Hari igihe Imana yemera ko umuntu aduheba kugira itwibutse ko ukwizera kwacu gukomeye kudakwiriye gushingira ku muntu.
Ikuraho igikoresho kimwe kugira ngo ibungabunge ukwizera kwacu kandi ituyobore ku kukuyizigira yo yonyene.
“Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe.” (Yeremiya 17:7)
Nuko rero, iyo umuntu aguhevye, ntiwibaze ko biba biheze. Imana yo ntiba iguhevye, igumana nawe.
Igihe ubufasha buheze, ntukihebure. Imana iba yamaze gutegura uwundi muntu ikoresha mu kubandanya ico gikorwa.
Iyo ikindi gihe giheze, ntugahungabane. Ukuboko kw’Imana ntikwigera kuva mu buzima bwawe.
“Uwatanguye igikorwa ciza muri mwebge azogiheraheza…” (Abafilipi 1:6)
IGISABISHO:
Mwami,
iyo ubufasha bw’abantu bubuze,
mfasha kwibuka ko wamaze gutegura uwundi muntu washinze kumfasha.
Nyigisha kwizera ubwizigirwa bwawe kuruta kwizera abantu.
Kuko uko bigenda kwose, wewe ugumana nanje.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
