Ni haba hariho ikintu kimwe kigora abantu mbere n’Abakristo bamwe bamwe, n’ukugira neza ku buntu, mu munezero kandi ataco wizeye kuzosubizwa. N’ikimazi.
« Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kukw ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana. »(Abaheburayo 13:16)
Nimba gushimira Imana no kwatura izina ry’Imana ari ibimazi vyo guhimbaza Imana isaba (Abaheburayo 13:15), ntidukwiriye kwibagira ko hari ibindi bimazi vyo kuyishimira n’urukundo dukwiriye kuyitura mu kugirira neza benewacu bakenye kandi bababaye.
Igituma uku « kwibagira », n’uko twibgira ko dushimisha Imana gusa iyo twisonzesheje, iyo tumara umwanya munini mu masengesho, canke kubera ko turi abizerwa mu manama y’isengero. Rimwe na rimwe tuba twumva ivyo bikwiye, ata bindi! Yamara, uyu murongo uratwibutsa ko dukwiriye kugirira abandi neza no kugira ubuntu kuko ari ibimazi bihimbara Umwami Imana yacu.
Tubizirikane.
IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe guhimbarwa no kugirira abandi neza no kugira ubuntu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo dusenze, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA