DUKORE IBIKORWA VYIZA

I Yopa habaye umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka, yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi yagira.

Muri iyo minsi, ararwara arapfa.
Niho rero ababanyi biwe baja guhamagara Petero ngo aze kubagarukirako.

Petero ahageze, aja mu nzu yo hejuru aho ikiziga ca Tabita cari cashyizwe, « abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amapfundo n’imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo. »(Ivyakozwe n’intumwa 9:39)

None, wewe nawe, niwapfa, abazoza kukwubaha ubwa nyuma bazovuga iki ?
Bazokuririra ?
Mbega uzosiga iragi ry’ibikorwa vyiza canke iragi ry’ibikorwa bibi bitey’isoni ?
Bakundwa, reka twame twitaho gukora ibikorwa vyiza mu gihe cose tukiriho.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe ubutwari bwo guhora dukora ibikorwa vyiza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye. Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *