EN-HAKKORÉ (« `Eyn haq-Qowre' »)

Igihe yari yaguye umwumwa cane, kandi arushe, inyuma y’aho atsindiye akica Abafilisitiya igihumbi mu bashaka kumugirira nabi i Leki, Samusoni yaratakambiye Uhoraho, maze aramubwira ati: « Uhoraho, ati Jewe umusavyi wawe ko wampaye uku kunesha gukomeye, none nicwe n’inyota, ngwe mu maboko y’abatakebge? »(Abacamanza 15:18)

Niho rero Imana yaciye iza kumutabara, ikinogo car’i Lehi Imana iragisatura, amazi aradudubiza, « nukw amaze kunywa, udutege turagaruka, arahembuka. Ni co catumye bacita Eni-hakore i: kiracar’ i Lehi na bugingo n’ubu. » (Abacamanza 15:19)

Uyu munsi, Eni-hakore (En-Hakkoré) yacu ni Yesu.

Yesu ubwiwe aratubwira ko ariwe soko y’amazi y’ubuzima amara inyota yo mu mutima.
« Unywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira. »(Yohana 4:14)

Iyo twumva tunaniwe, ducitse intege, twumva twihebuye canke tubona twarengewe n’ivyabaye, dukwiriye kwikutira kuja kuri Yesu, kugira ngo adusubizemo inkomezi, aduhembure, kandi umutima usubire munda.

IGISABISHO:
Mwami Yesu, turagusavye uze uhore udusubizamwo inkomezi mu gihe cose tuzoba ducitse intege mu buryo bw’impwemu.
Mw’izina ryawe ridasanzwe niho tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *