“Ereg’ uri mwiza, mukunzi wanje, mber’ urahimbaye; Ikirwa cacu kigaranzuyek’ ubusaswa busha.” (Indirimbo 1:16)
Urukundo rubona ubwiza bw’uwo rukunda rukabuvuga.
Iyo ugeze aho utagishobora kubona ubwiza bw’uwo ukunda,
umenye ko hari ikintu kijimishije amaso yawe,
kandi umwansi aranezerwa igihe urukundo rukanye.
Ariko nimba ukibona ubwiza bwiwe, bisigura ko urukundo rukiriho.
None rero, bivuge.
“Uri mwiza, rukundo rwanje, ndagukunda.”
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
