EREG’URI MWIZA !

“Ereg’ uri mwiza, mukunzi wanje, n’ukuri uri mwiza pe;
Amaso yawe asa n’inuma. (Indirimbo 1:15)

Urukundo rubona ubwiza bw’uwo rukunda rukabuvuga.

Iyo ugeze aho utagishobora kubona ubwiza bw’uwo ukunda,
umenye ko hari ikintu kijimishije amaso yawe,
kandi umwansi aranezerwa igihe urukundo rukanye.

Ariko nimba ukibona ubwiza bwiwe,
bisigura ko urukundo rukiriho.

None rero, bivuge.
“Uri mwiza, rukundo rwanje, ndagukunda.”

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *