GUHISHURIRWA NO KWEREKWA IVYO ABANDI BATABONA !

Wari uzi ko hari abantu bashobora guhishurirwa no kwerekwa ivyo wewe udashobora kubona?
S’ibintu bidasanzwe, nawe woshobora gugishurirwa no kwerekwa ivyo abandi batabona.
Insiguro zavyo tuzisanga muri Bibiliya:

Mu Bwuzure bwa Kera, Imana yaha ubgo bushobozi bgo guhishurirwa no kwerekwa ivyo abandi batabona, abantu baba bafitaniye nayo umubano mu buryo bwimbitse, kandi ni nayo yaba yabihitiyemwo.
Nk’akarorero, umuhanuzi Ezekiyeli yaragize iyerekwa riva ku Mana ryerekana ukuri kwimbitse mu Mpwemu (Ezekiyeli 1:1).
Na Daniyeli yari afise iyerekwa ry’ubuhanuzi n’inzozi vyamuhishuriye ibizoba (Daniyeli 7:1-28).

Mw’Isezerano Rishasha, ibintu vyarahindutse. Abakiriye Yesu bose, ata n’umwe avuyemwo, nk’Umwami n’Umukiza wabo, bahanwe nawe vyose, harimwo n’ubushobozi bwo kumenya ukuri kwo mu Mpwemu:
« Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we? »(Abaroma 8:32)
« Kuk’ ubushobozi bg’ubumana bgayo bgaduhaye ivy’ ubugingo no kwubaha Imana vyose, tubiheshwa no kumenya neza uwaduhamagarishije ubgiza bgiwe n’ingeso ziwe nziza. »(2 Petero 1:3)
« Kuko muri we ari ho haba ukunengesera kwose kw’Ubumana mu buryo bg’umubiri. Kandi munengeserezwa no kumubamwo, ni we mutwe w’ubukuru bgose n’ububasha bgose. »(Ab’iKolosayi 2:9-10)
Nk’akarorero,
Mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa, « Stefano yuzuye Mpwemu Yera, ahanga amaso mw ijuru, abona ubgiza bg’Imana, na Yesu ahagaze i buryo bg’Imana »(Ivyakozwe 7:55-56).
Mu gitabo c’ivyahishuriwe Yohana, Yohana yahawe iyerekwa ryo mw’ijuru n’ibihe vy’imperuka (Ivyahishuriwe Yohanna 1:1-3).

Nawe cokimwe nanje turashobora natwe guhishurirwa tukabona ivyo abandi batabona, kuva duhabga ubgo bushobozi twahanwe na Yesu, umunsi twamwakiriye mu buzima bgacu nk’Umwami n’Umukiza wacu. Ico dusabga gusa n’ukwitahura, tukamenya ubushobozi Imana yadushizemwo.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dushoboze kwitahura tugashobora kubona ivyo abandi badashobora kubona.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Apostle Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *