GUPFANA IBIRWANISHWA UTABIKORESHEJE

Umukristo ni umwana w’Imana, yambitswe ibigwanishwa vyo mu buryo bw’impwemu kugira atsinde ibitero vy’umwansi, indwara, n’ubundi bubabare.

Iyo atabizi canke atarabisobanukirwa, araterwa agapfana ubwo ubushobozi n’ububasha Imana yamuhaye.
Aho aba ameze nk’umusirikare afise inkoho mu minwe ariko ntayikoreshe kandi ari mu ntambara.

Yamara Yesu ubgiwe yaraduhaye ubgo bubasha:
“Ehe mbahaye ububasha bgo gukandagira inzoka na sikorupiyo, n’ubgo kunesha ubushobozi bga wa Mwansi bgose, kandi nta kintu kizogira ico kibagira na gatoya.”(Luka 10:19)
Kandi yatubgiye ati:
“N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Unyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora: kand’ azokora ibibiruta, kuko jewe ngiye kwa Data.”(Yohani 14:12)

Umukristo rero ntiyagenewe gusa kubabara, ahubwo yagenewe kuba umurwanyi mu buryo bw’impwemu. Iyo adakoresheje ibigwanishwa vyiwe, ubuzima buramwononekarana, aramugara canke no gupfa agapfa.
Ariko iyo abikoresheje mu kwizera, aratsinda.

Nico gituma Bibiliya itubgira ngo:
« Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bga wa Murwanizi… »(Abanyefeso 6:11-18)

Muri Bibiliya handitse kandi hati:
« Kand’ ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi: bazosenda abadayimoni mw izina ryanje; bazovuga indimi nsha; bazofata inzoka; ni banywa ikintu cica, nta co kizobagira na gatoya; bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire. »(Mariko 16:17-18)

IGISABISHO:
Data wo mw’ijuru,
Ndagushimiye kuko wampaye ububasha n’ibigwanishwa vyo mu buryo bw’impwemu. Niyemeje kudapfana ibigwanishwa vyanje, ahubwo kubikoresha uko bikwiye.
Mpa gukoresha ijambo ryawe nk’inkota, isengesho nk’imyampi, kandi ukwizera nk’inkinzo. Mpwemu Yera anshoboze muri vyose.
Ntundeke ngo nibagire ubwo bushobozi wampaye.
Mpa gukoresha inkomezi zawe uko bukeye, kugira ndonke intsinzi ku ndwara, ku bigeragezo no ku bitero vy’umwansi.
Ntundeke ngo mbe nk’umusirikare apfana inkoho atayikoreshe, ahubwo umpe kuba umugwanyi akomeza, atsinda vyose ku bw’izina rya Yesu Kristo, Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *