GUSENGA MW’IZINA RYA YESU

Woba uzi igituma utarahabga ivyo uhora usaba Imana biciye mu masengesho?
Bishobora kuba biva ku kubera woba utabisaba mw’izina rya Yesu.

Na Yesu n’uko abibona:
« N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw izina ryanje. Kugeza ubu nta co mwasavye mw izina ryanje; musabe muzohabga, ng’umunezero wanyu wuzuzwe. »(Yohana 16: 23-24)

None aya majambo asigura iki?
Kuva tuba abana b’Imana kubera twizeye Yesu nk’Umwami n’Umukiza wacu, Imana nayo itubona nk’abana bayo, muri Yesu Kristo.
N’aho rero iri jambo « mw’izina rya Yesu » ryabaye ijambo risanzwe, canke risa n’iridahabga agaciro karikwiriye ku bakristo benshi, misi yose turivuze canke turisubiyemwo, twari dukwiriye kwumva ko tuba turiko turirondora imbere y’Imana, ko tuba turiko turashingir’intahe imbere y’Imana ko turi aba Yesu Kristo yaduhaye nk’umuhuza umwe rukumbi hagati yayo na twe, « Kuko har’ Imana imwe, kandi har’ Umuhuza umwe w’Imana n’abantu, na we nyene n’umuntu, ni Kristo Yesu. »(1 Timoteyo 2: 5)
Nitwaba dushingir’intahe imbere y’Imana ko turi aba Yesu Kristo, Imana nayo izoduha muri Yesu Kristo ivyo tuyisaba vyose.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe guhora dushingintahe ko turi aba Yesu igihe cose tugusenga.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *