GUSENGERA ABARWAYE

Nk’ubu nivugiye ko nshobora gusengera abarwaye bagakira indwara zose, ntihobura abaca banyamirira kure, ngo ndabesha!
Yamara, ni n’ibisanzwe cane ku mwana w’Imana wese afise ukwizera kandi yasobanukiwe ko afise ububasha bgo gukiza abarwaye indwara zose.

Yesu ubgiwe yarakijije abarwaye kandi aha abamwizera bose nk’Umwami n’Umukiza wabo, ububasha bgo gukiza indwara zose.
« Ahamagara abigishwa biwe cumi na babiri, abaha ububasha ku mpwemu zihumanye n’ubgo kuzisenda, no gukiza indwara zose n’ubumuga bgose. »(Matayo 10:1)
 » N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Unyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora: kand’ azokora ibibiruta, kuko jewe ngiye kwa Data. »(Yohana 14:12)

Nk’abana b’Imana n’abigishwa ba Yesu, duhamagariwe « Gusengera abarwaye. »
Ni n’itegeko da!
« Kand’ igisagara cose mujamwo bakabakira… mukize abarwaye baho, mubabgire mut’ Ubgami bg’Imana burabegereye. »(Luka 10:8-9)
Kandi, nk’uko bibiliya ibivuga, kimwe mu bimenyetso abizera Yesu bazomenyekanirako, n’uko « bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire. »(Mariko 16:18)

Igitangaje cane, kandi kinababaje, n’uko, n’aho Imana yaduhaye ubwo bubasha bgo gusengera abarwayi bagakira indwara zose, hari abatabizi, hari n’ababizi ariko bakekeranya, batizera ko bobishobora, hari n’abazi ko gusengera abantu bagakira indwara vyagenewe bake barobanuwe mu bana b’Imana nk’abapadiri, abapasitori, abahanuzi canke abandi bake cane mu bana b’Imana.
Ivyo vyose sivyo, n’ibinyoma vya Satani.
« Gukiza indwara zose » n’ububasha twese abizera Yesu nk’umwami n’umukiza twahawe kugira dukize abarwaye bose.
Satani ntanezerezwa n’uko twosengera abantu barwaye bagakira.

None ni kuki dusengera abarwaye ntibakire?
Ng’ibi ibintu bitatu bituma dusengera abantu ntibakire:

1. Ukwizera guke.
S’uko tutizera ko Imana ishobora gukiza abarwaye, ahubwo n’uko dukekeranya ko Imana yobakiza iduciyeko.
Yesu we yarabivuze neza. Atubgira ati:
« N’ukwizera kwanyu guke. Ndababgire ukuri: Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobgira kino gisozi, mut’ Imuka aha, uje harya, kandi cokwimuka. Kandi nta kitazobashobokera. »(Matayo 17:20)
None sivyo?
Ubwo nawe ntiwoba uhora uhangana n’ukwizera guke?
Izere kuko ata kwizera, ntaco woshobora gukora c’ubutwari.

2. Ukudasenga.
Abigishwa ba Yesu baragerageje kwirukana impwemu mbi mu muntu, irabananira.
Babajije Yesu igituma, yabasiguriye ati:
« Ben’ irya ntikurwamwo n’ikindi atar’ ugusenga no kwisonzesha. »(Mariko 9:29)
Erega iyo tumaze umwanya munini mu masengesho, imbere y’Imana, tukanwana nayo, tuguma muri Yo, nayo ikaguma muri twebge, noneho, ububasha bgayo bukagaragara buturuka muri twebge.
Birashoboka ko nawe woba ukeneye gusenga cane?
Senga, bishobotse wisonzeshe, wirabire ivyo Imana igukoresha.

3. Ubujora.
Rimwe na rimwe, turatinya kumaramara mu kugerageza ukwizera kwacu.
Turatinya kwubahuka kubgira umuntu ko dushobora kumusengera agakira.
Ni nk’iyo duhamagariwe gusengera ikintu kigaragara ko kigoye!
Akarorero, ibaze bakuzaniye umuntu basunika ku gakinga k’abamugaye (chaise roulante).
Ico gihe, kenshi uca ubihunga canke ukarondera ivyitwazo vyo kudasengera uwo muntu, kubera utinya kumaramara.
Yamara, ntitwari dukwiriye gutinya, « Kukw Imana itaduhaye umutima w’ubujora: ariko yaduhaye uw’ ubushobozi n’urukundo n’ukwirinda. »(2 Timoteyo 1:7)
Birashoboka ko ubujora bwoba buruta ukwizera mu buzima bwawe?
Saba Imana igufashe gutsinda ubujora kugira ushobore kwumvira itegeko ryayo ryo gusengera abarwaye bakwegereye.

Abana b’Imana barakwiriye kumenya no kwumva ko bafise ububasha bgo gusengera abarwaye bagakira.
Igikenewe, n’Ukwizera Imana no kwigirira icizere kubg’ububasha bg’Imana bubarimwo.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana yacu, duhe kumenya ko dufise ububasha bgo gukiza abarwaye.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Apôtre Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *