HALLELUYA: IJWI RY’INTSINZI Y’IMANA

Insiguro y’ijambo “Halleluya”

Ijambo “Halleluya” rikomoka mu rurimi rw’igiheburayo הַלְלוּ יָהּ (halĕlû-Yah), risobanura ngo:
“Muninahaze Yahweh” canke “Muninahaze Umwami.”
“Halelu” ni ijambo ryavuye ku mvugo halal, risigura gutazira, guhimbaza, kuninahaza.
“Yah” ni ishusho ngufi y’izina ry’Imana Yahweh.

N’uko rero, Halleluya si ijambo ryo kunezerwa gusa, ahubwo n’ugushimagiza no guhimbaza Imana, kandi muri Bibiliya, ni ijwi ry’intsinzi y’umwuka iyo Imana yerekanye ububasha bwayo n’ubudahemuka bwayo.

Muri Zaburi, Halleluya ikunda gukoreshwa mu gusaba abantu bose guhimbaza Imana (Zaburi 113:1; 150:1).
Mu Vyahishuwe 19:1–6, iba indirimbo y’intsinzi yo mw’ijuru, inyuma y’uko ikibi gitsinzwe n’ubwami bw’Imana bushinze burundu.
N’ijambo ryuzuye ukwizera, ubuhanuzi, n’ubuninahazwa.

1. Halleluya: Ijwi ry’ababonye ukuboko kw’Imana

Iyo Imana ikoze, abantu bayo baranezerwa bati Halleluya!
Iryo jambo riva mu mitima y’ababonye ukudahemuka n’ububasha bw’Imana.

“Uhoraho yadukoreye ibikomeye,
Natwe turanezerewe.”(Zaburi 126:3)

Mu gukira, mu gusubizwa amasengesho, mu gutsinda, haba Halleluya.
N’ijwi ry’umutima ushima, ryerekana ko Imana yonyene ari yo ikwiye icubahiro.
Hako umuntu yivugira ati “nabikoze”, uwizera Imana we avuga ati:
« Halleluya, si jewe, ni Imana yabikoze! »

2. Halleluya: Gushemeza Imana hagati mu ntambara

Ubushobozi bw’ijambo Halleluya bugaragara cane mu gihe c’ukubabazwa.
S’ijambo ryo gukoresha gusa iyo ubonye intsinzi, ahubwo n’igikorwa c’ukwizera, kivugwa n’imbere y’uko intsinzi iboneka.

“Nzokwama mpimbaza Uhoraho ibihe vyose, Ishimwe ryiwe rizoba mu kanwa kanje urudaca.”(Zaburi 34:2)

Kuvuga Halleluya mu gihe ibintu vyose bisa nabi, ni ukwemeza uti:
“Imana yanje iracyari ku ngoma naho ntabona uko ibikora.”

N’inkoho y’umwuka, kandi n’itangazo ry’ubuhanuzi.
Satani arahungabana igihe uwizera Imana yananiwe ariko agaterera amaso mw’ijuru akavuga Halleluya!
Kuko iryo jambo rigaragaza ko:
“N’aho vyose vyogenda gute, Imana iracyakwiye ishimwe.”

3. Halleluya: Indirimbo y’ubwami bw’intsinzi

Mu Vyahishuwe 19, ijuru ryose riraririmba riti:
“Haleluya ; agakiza n’ubgiza n’ububasha n’ivy’Imana yacu.”(Ivyahishuriwe Yohana 19:1)

N’indirimbo y’intsinzi y’Imana ya nyuma.
Ijambo Halleluya rihagarara kane muri uwo murongo, rikerekana intsinzi yuzuye ya Kristo ku bibi, n’ubutungane bw’Imana bugaragara.
Ritwibutsa ko Halleluya atari indirimbo y’isi gusa, ahubwo ar’ijwi ry’ijuru—aho abamarayika n’abacunguwe baririmbira hamwe bati:
“Imana iratsinze!”

Buri Halleluya tuvuga hano kw’isi ni uko twiyunga n’ab’i juru, tukabwirana nabo indirimbo ihoraho.

4. Halleluya: Ubuzima bwo guhimbaza

Halleluya s’ijambo ryo kuririmba ku rusengero gusa,
n’ubuzima bw’ukwizera.
N’ukugira umutima ushima aho kwinuba, kubona ukuboko kw’Imana mu bintu bito,
no kwizera ko imigambi yayo ari myiza naho tutayumva.

“Mwame mukenguruka muri vyose, kukw ico ari co Imana ibagombako muri Kristo Yesu.”(1 Ab’Itesalonike 5:18)

Kuvuga Halleluya buri munsi ni ukwemeza ko Imana iri ku ngoma,
mu ibihe cose, ahariho hose, no muri vyose.
N’uguhindura ubuzima bwawe indirimbo y’ishimwe ihoraho.

IGISABISHO:

Mwami wacu n’Imana yacu,
turavuga Halleluya, atari iyo ibintu vyose bigenda neza gusa,
ahubwo no hagati y’imibabaro.

Turazi ko uri hejuru ya vyose,
ko urwanira abana bawe,
kandi ko ubutungane bwawe buzotsinda.

Shira mu mitima yacu indirimbo y’ishimwe, duhindure ubuzima bwacu Halleluya buzima,
maze umwuka wacu ube ishimwe rihoraho.

Igihe ubwami bwawe buzohishurwa rwose, amajwi yacu yifatanye n’ay’ijuru kuguma avuga:
Halleluya! Ubwiza bube ku Mwana w’Intama watsinze!
Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
Icabona c’ubunti bugarura ubuzima.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *