« Abagabo ni birwanira, umugore w’umwe muri bo akaza gutabara umugabo wiwe urikw aramukubita, agatuma ukuboko, agafata uwo mugabo epfo; nya mugore muze mumuce igikonjo, ata kagongwe. »
(Gusubira mu vyagezwe 25:11-12)
Iyi ngingo yo muri Bibiliya iratanga ishusho idasanzwe: umugore ashaka gukiza umugabo wiwe ariko akabigira mu buryo butari bwo.
Naho intumbero yiwe yari ugufasha, ivyo yakoze vyari biteye isoni kandi ntibishobora kwihanganirwa.
Nico gituma Itegeko ryabiciriye urubanza rukaze.
Inyigisho tubivanyemwo iratomoye: n’aho intumbero zacu zoba nziza, dukwiye kwitondera uburyo dukoresha.
Iherezo ntiryigera rihindura ibitagenda vyiza ngo bibe vyiza.
Uturorero two mu buryo bw’impwemu:
•Umwizera ashaka gukingira ukuri kw’Ububasha bw’Inkuru Nziza, ariko akabigira mu majambo akomeretsa, aba ataye icubahiro ca Kristo.
•Umuvyeyi ashaka gukosora umwana wiwe, ariko nabigira amuturubika canke amurya umutima aba ariko arasenya aho kwubaka.
•Umugabo canke umugore ashaka gukiza urugo rwiwe, ariko akabigira mu binyoma canke mu buryo bw’irementanya, atuma ibintu birushiriza kuba bibi.
Mu ntambara zacu za misi yose—mu miryango, mu bikorwa, no mu mpwemu, biroroshe cane kurenga umurongo ntarengwa kubera ishavu, ubwoba canke intuntu. Ariko Imana iraduhamagarira kuguma mu cubahiro, mu gukiranuka no mu butagatifu muvyo dukora vyose.
Gukingira ukuri, ni vyiza, ariko n’ukubikorana urukundo no kwubaha.
Gukingira abo dukunda, ni vyiza, ariko n’ukubikora tutaja mu ngeso z’ibiterasoni.
Guhagararira uburenganzira bwacu,ni vyiza, ariko tutarenze ku mabwirizwa y’Imana.
Intambara nyakuri y’umpwemu ntitsindwa n’umubiri n’amaraso, ahubwo itsindwa n’ibirwanisho vyo mu mwuka: ukwizera, isengesho, ukuri n’urukundo (Abanyefeso 6:10-18).
ISENGESHO:
Uhoraho Mwami Imana, mfasha kutigera ndenga ku mabwirizwa yawe mu ndwano zanje.
Mpa ubwenge bwo gukingira ibigororotse nkoresheje ibirwanisho vyawe.
Amajambo n’ibikorwa vyanje bihore vyerekana ubutagatifu bwawe n’ukuri kwawe.
Ni mw’izina rya Yesu Kristo, ndabisavye, Amen.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA