Umuntu akiriho, ukwo yoba abayeho nabi kwose, arakwiriye guhorana ivyizigiro.
Igitabo c’Umusiguzi kitubwira ko imbwa nzima iruta intare ipfuye!
« Abariho bose baba bari n’ivyizigiro: kukw imbga ibona iruta intambge ipfuye. »(Umusiguzi 9:4)
Mu muco w’Abaheburayo, imbga cari igikoko gisuzuguritse cane kandi gihumanye.
Ariko ikiri nzima, ngo iruta intare ipfuye.
Ukwo kugereranya gusigura ko ubuzima ari ubw’agaciro.
Abarundi bo, babivuga neza, ngo « hagupfa wozanzama ».
N’aho vyoshika tukisanga turi mu buzima bubi gute, busuzuguritse cane canke turi mu bihe vy’ugucishwa bugufi biteye agahinda kuruta ibindi vyose, burya turafise uburenganzira n’imvo vyo kwizigira ko Imana ishobora kutugarukira, ikaduhindurira amateka, ikadushira mu buzima buruta ubwo idukuyemwo, ikadutabara ikadukurako agasuzuguro, tugasubira mu bandi.
Igikuru n’ubuzima.
Ntidukwiriye rero kwihebura, kuko, tukiriho, ibintu vyose vyiza bibaho birashobora kudushikira canke kutubako.
Hari ivyizigiro mu buzima bwose.
Apôtre Jean-Claude SINDAYIGAYA