IBIBAZO VYACU VYOSE BITEGEREZWA KWUNAMIRA IZINA RYA YESU

Ikitubabaza cose canke kitugoye, gitegerezwa kwunamira izina rya Yesu Kandi kikamuhunga!

Igihe umuntu yari yinjiwemwo n’igitero c’abadayimoni yahura na Yesu, yaramwikubise imbere, avuga n’ijwi rirenga, ati « Duhuriye hehe ga Yesu, Mwana w’Imana isumba vyose? Ndakwinginze, ntumbabaze agashinyaguro ».
Abo badayimoni baciye basohoka mur’uwo muntu kuva aho bumviye Yesu abategetse kumuvamwo.(Soma muri Luka 8:26-36)

Bibiliya itubwira ko « Imana yashize Yesu hejuru cane, imuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose: kugira ngw amavi yose az’ apfukame mw izina rya Yesu, ay’ ivyo mw ijuru n’ay’ ivyo kw isi n’ay’ ivy’ i kuzimu. »(Abafilipi 2:9-10)

Iryo zina rirakomeye kuko n’izina ry’uwadupfiriye, yazutse mu bapfuye kandi uyu munsi uri iburyo bw’Imana, kubwacu!
N’izina riri hejuru y’amazina yose, kandi ivi ryose ritegerezwa gupfukamira kandi rizohora ripfukamira!

Niyo mpamvu rero ata kintu na kimwe kitokwunamira Yesu. Ikibazo cose cacu icarico cose, indwara zacu, na zimwe zizwi nk’izidakira nka kanseri na sida, ibibazo vyacu nk’ubukene, isoni n’ubwoba, bitegerezwa kwikubita imbere ya Yesu nka kumwe kwa ba badayimoni, bigapfukama iyo vyumvise izina rya Yesu, bigahunga, bikatuvamwo.

IGISABISHO:
Data wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora twambaza izina rya Yesu mu bihe bigoye.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *