ICAHA KIRABABAZA

“Nta hazima mu mubiri wanje kubg’ ubushangashirwe bgawe;
Nta buruhukiro mu magufa yanje kubg’ ivyaha vyanje. Kukw ivyo nagabitanije bindengeye,
Bimeze nk’umutwaro uremereye umvuna. Inguma zanje ziranuka kandi ziratikimye,
Kubg’ ubupfu bganje.”(Zaburi 38:3–5)

Zaburi ya 38 n’ugutakamba kw’umuntu amenye icaha ciwe kandi akigeramiwe.
Igaragaza ukuri gukomeye: icaha nticica gusa mu buryo bw’impwemu, kiranakomeretsa kikababaza mu mutima, mu bgenge, mu muryango no mu gihugu.
Icaha kirarwaza.
Kironona imbere mu muntu maze kigakomeretsa no hanze.
Uba uvyemera canke utavyemera, nta n’umwe ahunga inkurikizi z’icaha.
Ubutumwa bukurikira burerekana uburemere bw’umubabaro icaha gitera mu buzima bw’umuntu.

1. Mu vy’impwemu: Icaha kirabangamira Imana

Mu vy’impwemu, icaha kirwanya ubutungane bg’Imana.
Umukirisu yavutse ubwa kabiri arababara cane iyo akoze icaha kuko Mpwemu Yera muri we, aca aguma amwemeza ko yacumuye (Yohani 16:8).
Dawidi ati: “imyampi yawe inyangayemwo” (umur. 3), ashimangira ko ububabare buturuka ku Mana.
Icaha gituma umuntu yitandukanya n’Imana, maze akabura amahoro n’akanyamuneza k’ukugira ubugenzi n’Imana.

2. Mu bgenge: Icaha kirabangamira umutima n’ubuzima bw’inyuma

Ku rwego rwo mu mutima no mu bgenge, icaha ni nk’uburozi. Dawidi yandika ati:
“Ndahetamye, ndicurikiriye rwose:
Ngenda ngandaye umusi ukira. Kukw ikiyunguyungu canje cuzuye umururumbo,
Kandi nta hazima mu mubiri wanje.” (umur. 6 & 7).

Iyo icaha kidatorewe umuti, kivyara:
Intuntu no kwihebura
Kubura ukwizigira
Kubura itiro
Ivyiyumviro vyo kwiyahura

N’iyo umuntu atizera Imana, aba afise ijwi ryo mu mutima rimubwira ikibi n’iciza (Abaroma 2:14–15), kandi iyo ryavunitse riteranya umutima.

3. Mu muryango: Icaha gitandukanya abantu

Icaha si ikintu kirekurirwa imbere y’Imana gusa, kinatuma abantu batandukana.
Dawidi ati:
“Kand’ abahama ubugingo bganje bantega imitego; Abandonderera ivyago bavuga ivyo kunyigamba, Biyumvira ivy’ ubugunge umusi ukira.” (umur. 12).

Mu buzima busanzwe:
Ubusambanyi butanya ingo.
Ibinyoma vyonona ubumwe n’ubwizigirwa.
Ishari ritera intambara.
Ubwikunzi bwica ubutungane.

No mu mashengero, igihe umuntu yemeye kubaho mu caha, biba intandaro y’ukutumvikana no gutera isoni abera.

4. Mu gihugu: Icaha conona inzego z’igihugu

Iyo icaha gikozwe n’abategetsi, kirakura kikavamwo ivyaha rusangi.
Gutonesha, kurya ibiturire no gukoresha nabi ubutegetsi bica bihinduka ibisanzwe mu gihugu.
Bibiliya iti:
“Ubugororotsi bushira ihanga hejuru, Arikw icaha gitukisha amoko.” (Imigani 14:34).

Iyo abategetsi bakoze ivyaha:
Abanyagihugu barababara
Amategeko y’akarenganyo araduka
Amahoro arazimangana
Ubuyobozi buratakaza icizere

Amateka yerekana akaga kenshi katewe n’ivyaha vy’abayobozi—intambara, ubwicanyi ndengakamere, n’ubukene bukabije.

5. Ku mukristo yavutse ubwa kabiri: ububabare bwo mu mutima

Ku muntu yavutse ubwa kabiri, icaha ntikiba igicumuro gusa, kirahungabanya ubugingo bgiwe. Mpwemu Yera ntiyemera ko umutima ugira amahoro mu caha. Dawidi aravuga ati:
“Umutima urancamwo, intege zanje ziracika: No kubona kw’amaso yanje na kwo nyene kwamvuyemwo.” (umur. 10)

Iyo umukristo akoze icaha:
Abura amahoro
Abura ukwizera ku gakiza
Abura akanyamuneza ko gusenga no gusoma Ijambo ry’Imana
Yumva atari hafi y’Imana, n’iyo yoba mu bantu.

Umukristo ntiyibera mu caha ngo agire amahoro kuko impwemu iba irwana n’umubiri (Ab’i Galatiya 5:17).

Umuti n’umwe gusa: n’ukwihana

Zaburi 38 ntiyahereye mu kwihebura. Dawidi aratakamba ati:
“Uhoraho, ntumpebe:
Mana yanje, ntumbe kure.
Tebuka untabare, Mwami, gakiza kanje.”(imir. 21–22)

Icaha kirababaza umutima, umubiri, umuryango, igihugu n’isi yose.
Ariko Imana iha imbabazi uwihana bivuye ku mutima.
Yesu ni we yiremetse ibikomere vyacu, yagandaye kubera ivyaha vyacu (Yesaya 53:5).
N’uno munsi, uwihana icaha akakivamwo, aronka imbabazi.

Ijambo ryo ku mutima:

Icaha si ikibazo c’amategeko gusa, ni n’indwara y’isi yose. Kironona umutima, kikonona n’isi.
Ariko ubuntu bg’Imana buruta icaha.
“Aho icaha cyari cyinshi, ubuntu bwabaye bwinshi kurushaho”(Abaroma 5:20).

Kubw’ukwubakwa kw’abera,
Apôtre Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *