Reka iri jambo ry’Imana r’uyu munsi turitangurane n’inkuru ibabaje cane.
N’inkuru y’umwana w’umusore yari apfungiwe mw’ibohero, yaciriwe urwo gupfa.
Imbere yo kwicwa, yasavye ko bamuha ikaramu n’urupapuro kugira yandikire akabaruwa nyina. n’urupapuro.
Ahejeje kwandika umwanya munini, yahamagaye umuporisi wo mw’ibohero amusaba ko urwo iryo baruwa ryoshikirizwa nyina.
Ng’ibi ivyari vyanditswe muri iryo baruwa:
« Mama, iyo haba hariho ubutungane nyakuri mw’isi, twari kuba twaciriwe urwo gupfa twese—si je jenyene nari mkwiye gupfa.
Uri mu bakoze icaha kinini mu buzima bwanje.
Uribuka igihe niba igare ry’uwundi mwana nkanje?
Warandetse ndarizana muhira, ndetse warananfashije kurihisha kugira dawe ntabimenye.
Uribuka igihe niba amafaranga y’umubanyi?
Twarajanye mw’isoko kuyagiramwo ivyo dukeneye.
Uribuka igihe washwana na dawe, akigendera?
Yashaka gusa kunkebura no kumpana kubera nari nivye kw’ishure, ariko sinumvise, kandi baruhiye kunyirukana kw’ishure.
Mama, nari umwana.
Nari nkwiriye gukosorwa, s’ugushigikirwa mu mabi.
Ariko ndakubabariye.
Ndakwinginze gusa, wereke abavyeyi benshi bo kw’isi iri baruwa, kugira batahure ko kugira umuntu abe mwiza canke mubi, biva ku ndero yahawe akiri muto.
Warakoze kumpa ubuzima mu kunyibaruka… ariko ni wewe utumye mbura ubuzima.
Umwana wawe w’ikigaba. »
Iri baruwa, naho rivuga ibintu bitoroshe, ririmwo inyigisho ikomeye.
Urukundo nyakuri s’ukwirengagiza amakosa y’uwo twita ko dukunda, ahubwo ni ukuyobora, gukosora, gukebura no guhanura uwo dukunda.
Bibiliya ivuga iti:
« Urinda umwana inkoni aba amwanse, Arik’ umukunda amuhana hakiri kare. »(Imigani 13:24)
Kandi iti:
« Ni nabgira umunyakibi, nti Ntuzobura gupfa: nawe ugaheza ntumuburire, canke ng’ ugire ico uvuga co kuburira umunyakibi ngw ave mu nzira yiwe mbi, ng’ ukize ubugingo bgiwe, uwo munyakibi azopfira mu bigabitanyo vyiwe; arikw amaraso yiwe nzoyakuronderako. »(Ezekiyeli 3:18)
Ntidukora ivyaha gusa muvyo tuvuga, ahubwo no mukutavuga no mu kutagabisha naho nyene turakora ivyaha. Kwirengagiza gukebura umuntu, kutamuhanura, n’ukwifatanya nawe kugwa mu caha.
Ibi biraba abana bacu, abo dukunda, n’abavukanyi bacu mu kwizera.
Uno musi, twisuzume:
Ubwo ntitwoba twaribagiye uruhara rwacu rwo guhanura, kuburira, no gukunda mu kuri?
Apôtre Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA