Hariho ivyaha umuntu yicuza… hakaba n’ibindi biriza umuntu ubuzima bwiwe bwose.
Hari amakosa dukora agasiga inyuma ibikomere bidashobora kuvurwa no gukizwa n’amajambo, nk’iyo twatumye ubuzima bw’abandi busenyuka, iyo twabateye ubumuga, canke iyo twabakomerekeje imitima.
Mu bihe nk’ivyo, gusaba imbabazi bisanzwe ntibihagije — hakenewe imbabazi ziva ku mutima, ugutabaza kw’umutima gushikira Imana n’abacu twakoshereje.
Bibiliya ivuga iti:
«Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose.»(Abaroma 12:18)
Ibi bisigura ko amahoro ategurwa imbere y’uko ikibi gikorwa, biciye mu kwitondera no mu kwiyubara.
Ni vyiza kwirinda gukomeretsa abandi, kuruta kugerageza gusubiriza ibitari busubirizwe.
Ijambo rivuzwe ritiyumviriwe, canke igikorwa cakozwe kitarimwo urukundo, gishobora gusenya ivyo Imana yari yabatse.
«Ibitsitaza abantu ntibizobura kuza, arik’ ubizana azobona ibara.»(Luka 17:1)
Iyo ikibi kimaze kuba, dutegerezwa kugira ubutwari bwo kwemera amakosa yacu, gusaba imbabazi n’umutima w’ukuri, no gukora ibishoboka vyose kugira dusubirize canke twishure ivyo twononye.
Ariko kandi dutegerezwa no kwitura Imana, kuko Imbabazi zayo gusa ni zo zoshobora gukiza umutima wakomeretse.
Nka Dawidi dukwiye gusenga tuvuga duti:
«Unkomorere umunezero w’agakiza kawe; Unshigikirishe umutima ushize icira.» (Zaburi 51:12)
Imbabazi rero ziba ari ukwitabariza kw’umutima ushaka amahoro.
Kandi ico gikorwa giteye intimba kitwigisha kuba abitonzi, abaremesha, n’abitwararika, kuko gukunda vy’ukuri bisigura kwirinda gukomeretsa abandi.
IGISABISHO:
Mwami, mbabarira ivyaha n’amakosa nakoze.
Nyoza umutima wanje, ukize n’abo nakomerekeje.
Mpa ubukerebutsi bwo kwitonda,
kandi undinde kwongera gukomeretsa abandi mu majambo canke mu bikorwa.
Ngira uwuremesha amahoro.
Mw’izina rya Yesu Kristo,
Amen.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
Icabona c’ubuntu bugarura ubuzima
