IGISABISHO KIRAKOMEYE: KIRUGARA IJURU… KIKANARYUGURURA !

Eliya ntiyari umuntu w’akataraboneka.
Yari umuntu nkawe.
Ariko igisabisho ciwe cari gikomeye kuko cari gishingiye ku kwizera no ku bugombe bw’Imana.

«Eliya yar’ umuntu ameze nkatwe, asaba yinginga ngw imvura ntigwe, imvura imara imyaka itatu n’amezi atandatu itagwa mu gihugu; yongera gusaba, ijuru rirekura imvura, isi imeza imirima yayo.»(Yakobo 5:17-18)

Igisabisho ciwe carugaye ijuru, imvura irahagarika kugwa imyaka itatu n’amezi atandatu.
Yongera arasenga ubwa kabiri, Imana irugurura ijuru, imvura iragwa!

Iyo ukwizera kwawe guhuje n’ubugombe bw’Imana, ijuru rirorosha ibintu.
Imana ntiyumvira gusa abahambaye canke abakomeye cane, ariko yumvira imitima y’inyakuri kandi yubaha.

Igisabisho cawe kirashobora guhindura ibihe, niwaba wubaha Imana.

Kubw’ugukomezanya kw’abera,

Apôtre Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA

2 réponses sur “IGISABISHO KIRAKOMEYE: KIRUGARA IJURU… KIKANARYUGURURA !”

  1. N’ukuri, ukwizera n’umutima uciye bugufi , Imana Irawunvira Igashitsa ivyo usavye hamwe n’amasezerano!!

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *