Turakunda kwihutira kubwira umuntu duti: “Ihangane.” “Komera.”
Ariko, twisuzumye, twoba twarigeze kwikorera umutwaro uwo muntu aba yikoreye?
Kuvuga biroroshe.
Ariko gusangira umutwaro biragoye.
Turavuga duti: “Ihangane”,
ariko usanga twebwe ubwacu tutoshobora kumara n’umusi umwe mu ngorane uwo tubibwiye arimwo.
Turavuga duti: “Imana izokora”,
ariko ntidukore ngo tube inyishu y’Imana kuri uwo muntu tubibwiye.
Bibiliya ntivuga ngo: « Nimutange impanuro ku bari mu mubabaro »; ahubwo ivuga iti:
« Munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira. »(Abaroma 12:15)
« Mwakirane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo. »(Ab’i Galatiya 6:2)
Kurirana n’umuntu birusha inkomezi kumubwira amajambo menshi.
Yobu yari afise abagenzi. Iminsi indwi bicaye iruhande rwiwe batavuga.
Ico cari igihe ciza kurusha ibindi.
Batanguye kuvuga ibitarivyo igihe batangura kuvuga cane.
Rimwe na rimwe, ijambo riruta ayandi… n’ukuba iruhande y’umuntu, kumuba hafi mu bihe bigoye.
Yesu ntiyavuze gusa ngo: “Nimwihangane.”
Yaragize ico akora.
Yarakoze ku barwaye.
Yarabagaburiye.
Yarabakijije.
Yarabegereye.
« Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, Kand’ akiza abafise imitima ijanjaguritse. »
(Zaburi 34:18)
Nimba Imana yegera abafise imitima imenetse, kuki twebwe tubaja kure?
Imbere yo kuvuga uti: “Ihangane,” ibaze uti:
– Noba nshobora gufasha mu buryo buboneka?
– Noba nshobora kumwumviriza?
– Noba nshobora kumusengera?
– Noba nshobora kumuba hafi?
Impuhwe s’ijambo gusa.
N’igikorwa.
N’intambwe igana ku yindi.
Ntube ijwi gusa.
Ba urutugu.
IGISABISHO:
Mwami, ngira inyishu aho kuba amajambo gusa.
Mpa umutima ukora, simbe umunwa uvuga gusa.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
