“Bazobona ibara, abita ikibi iciza, iciza bakacita ikibi; bagashira umwiza mu gishingo c’umuco, n’umuco mu gishingo c’umwiza; bagashira ibirura mu gishingo c’ibisosa, n’ibisosa mu gishingo c’ibirura!” (Yesaya 5:20)
Turi mu gihe c’isi aho icaha kitagitera isoni.
Ico Imana yanse mw’ijambo ryayo, abantu baragihindura bakavuga ko ari “uburenganzira”, “ukwigenga” canke “iterambere.”
Ivyaha bikomeye nko kubesha, gusambana, kwihora, igiturire, ivyo kurementaniriza abandi, n’ubwibone ubu ntibisigaye bitera isoni, ahubwo bifatwa nk’ibisanzwe.
Isi yarahinduye amajambo yoroshe ibintu:
Kubesha bisigaye vyitwa ubwenge bwo mu kazi;
Gusambana bisigaye vyitwa kwikiza umusonga;
Kwihora bisigaye vyitwa ubutungane bw’umuntu;
Ubwibone busigaye bwitwa kutisuzugura;
Ubukunzi bw’inda busigaye bwitwa ubushake bwo kugira byinshi.
Ariko ico abantu basigaye bihanganira, Imana yo iracagihana.
Icaha ntigicureha kigumana ubukana kuko abantu bagihinduye igisanzwe.
Iyo umuntu atihannye, icaha kibandanya gusenya ubuzima n’imibereho y’abantu.
1. Iyo Ukuri gusubiriwe n’Ububeshi
Kubesha vyabaye umuco mu buzima bwa buri munsi.
Abantu barabesha kugira ngo batsinde, bashimwe, canke birinde ingorane.
Ariko Yesu yaravuze ati:
« (Satani)Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo. » (Yohana 8:44)
Buri kubesha kwose kutandukanya umuntu n’Imana, kuko Imana ari Ukuri (Yohana 14:6).
Ibinyoma vyica ukwizerana abantu basanzwe bafitaniye, bikica ubutungane, bigatuma n’umubano mu bantu wubakwa ku kinyoma.
Akarorero:
Umucuruzi arabesha abakiriya kugira ngo yunguke, umunyeshuri ariba mu bizami, umuyobozi ahindura ibiharuro — vyose bigasa nk’ibidafise akamaro, ariko bigira ingaruka mbi ku muryango w’abantu.
“Iminwa y’ibinyoma n’igisesema k’Uhoraho, Arikw abakora ivy’ ukuri ni bo bamuhimbara.” (Imigani 12:22)
2. Iyo Gusambana Bibaye Ibisanzwe
Kera gusambana vyafatwa nk’ibitey’isoni; ubu vyabaye ibisanzwe.
Ibinyamakuru, filime n’indirimbo vyerekana gusambana nk’ikintu kigezweho.
Ariko Imana ivuga iti:
“Ntusambane.” (Kuva 20:14)
Gusambana ntigusenya gusa ingo, gusenya imitima, bigatera ibikomere bidakira, rimwe na rimwe inkurikizi zigashika no ku bana.
Isi iravyemera, ariko Imana ivuga ko ari ubuhemu kuri Mpwemu. (Malaki 2:14)
Akarorero:
Umugabo n’umugore baguma mu kwizerana n’aho batezwa ibigeragezo — berekana icubahiro c’Imana mu gihe isi yo yibereyemwo guhemukirana gusa.
3. Iyo Kwihora kwasubiriye Kubabarira
Kubabarira ubu bifatwa nk’ubujuju.
Isi ishigikira kwihora no kugirira abandi nabi iyo batubabaje.
Ariko Ijambo ry’Imana rivuga riti:
“Ntimwihorane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana: kuko handitswe, ng’ Uguhora n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkoko, ni k’Uhoraho agize.” (Abaroma 12:19)
Kwihora ntigutanga amahoro; ahubwo vyongera agahinda.
Uwihora aba imbohe y’urwanko, naho uwubabarira aba afise amahoro.
Icubahiro c’umukristo si uguhora, ahubwo ni ugukurikira Yesu yababariye abamubamvye ku musaraba.
4. Iyo Ubwibone Bwasubiriye Kwicisha Bugufi
Muri iki gihe, ubwibone bwitwa “kwiha agaciro.”
Abantu basigaye bigishwa kwishira hejuru no kwikunda.
Ariko Bibiliya ivuga iti:
“Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu.” (Yakobo 4:6)
Ubwibone bwugara urugi rw’ubuntu bw’Imana.
Butuma umuntu yibwira ko ashoboye vyose, akibagira Imana.
Inkurikizi nyinshi z’ugutakaza ibintu, amatati n’ugusenyuka kw’ingo ziboneka mu bwibone butamenyekanye.
5. Ubukunzi bw’inda bwasubiriye Urukundo
Gukunda amafaranga kuruta ikindi kintu kwabaye umuco.
Abantu ntibagikunda uko umuntu ameze, ahubwo bakunda ivyo afise.
Yesu yaravuze ati:
“Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.” (Matayo 6:24)
Ubukunzi bw’inda, bukwegera umuntu mu biturire, mu bukozi bw’ikibi, n’ishari.
Butuma abantu batagira impuhwe kandi bakarementaniriza abandi.
Sosiyete ikunda amafaranga ntishobora gutinya Imana.
6. Ingaruka ku buzima bwo mu mpwemu
Iyo ibibi bibaye ibisanzwe, sosiyete irangara:
Umutimanama urasinzira,
Ubutungane burasambuka,
Ingo zirasambuka,
Amahoro aravaho.
“Iy’ abagororotsi bagwiriye, abantu baranezerwa,
Arikw iy’ umunyakibi aganza, abantu baraniha.” (Imigani 29:2)
Si ikibazo c’imico gusa, n’ikibazo co mu mpwemu.
Icaha gihabwa agaciro gituma umuco w’icaha ukura, kandi ico gishobora gutuma Imana ihana igihugu.
7. Umuhamagaro ryo Kwihana
Ariko hari icizere.
Imana ntihinduka, kandi imbabazi zayo ziracakora.
“Maz’ abantu banje bitirirwa izina ryanje ni bicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bagahindukira bakareka ingeso zabo mbi, nuko nanje nzokwumva ndi mw ijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’igihugu cabo.” (2 Ngoma 7:14)
Guhinduka ntibitangurira mu nzego, bitangurira mu mitima.
Igihugu gishobora gukira igihe abantu bahitamwo gukurikira ukuri, kugororoka, kubabarira, no gukunda ubutungane.
Ico gihe, ikuzo ry’Imana riragaruka.
IGISABISHO:
Mwami, fasha amaso yacu kubona icaha nk’uko ukibona.
Dukize umuco wo kwita ikibi iciza.
Dukangurire umutimanama wacu, dusubize ubwoba bwawe mu mitima.
Duhe inkomezi zo kubaho dukurikiza ukuri kwawe, n’aho isi yakwibagiye.
Ubuzima bwacu bube umuco muri iki gihe cy’umwijima.
Subiza icubahiro cawe, ubutungane bwawe, n’ikuzo ryawe mu bantu bawe.
Mu izina rya Yesu Kristo, Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
Icabona c’Ubuntu bw’Imana bugarura ubugingo.