«Urukundo rufise inkomezi nk’urupfu…» (Indirimbo ya Salomo 8:6)
Urupfu akenshi rufatwa nk’iherezo ryose: ruhagarika ubuzima, rutuma abantu babura ico bavuga, rugasiga imitima imenaguritse.
Abantu benshi barwibaza nk’umuti—wo guhana, kwihora canke kwivura umubabaro.
Ariko urupfu ntirukemura na kimwe. Ruhagarika ubuzima, ariko ntirukiza ibikomere; ruracecekesha umuntu, ariko ntiruhanagura ishavu, ububabare canke kahise k’umuntu.
Bibiliya ntivuga urupfu nk’inyishu y’abantu, kuko rutagira ico ruhindura ku mutima.
Uwatse ubuzima uwundi ntaba aranduye ikibi, ahubwo aba agikwiragije.
Igikorwa kimwe c’ubugizi bwa nabi gishobora gusenyura imiryango, kuvyara inzankano z’ibihe vyose, mbere kigakwega n’ihorihori.
Urupfu rwongera ububabare ku bundi, rugasiga ababuze mu buzima butagira amahoro.
Ariko urukundo rukora ico urupfu rudashobora gukora.
Aho urupfu ruca, urukundo rwo rurahuza; aho urupfu rutegeka, urukundo rwo rurahindura. Kubabarira biturutse mu mutima bishobora guhagarika ukwihora urupfu rwari gutuma kubandanya.
Ijambo ryiza rihumuriza rirashobora guhindura umutima ubwoba bwari kwiberamwo.
Kandi kenshi igikorwa kimwe c’urukundo kirakingira abantu kugwa mu mwuka w’urwanko.
Ni co gituma Yesu avuga ati:
«Mukunde abansi banyu» (Matayo 5:44)— s’ukugira ngo ikibi cihozwe, ahubwo ni kugira ngo nticiyongere ngo gisasagare mu bantu.
Imana irakingira ubuzima kuko buva kuri Yo.
Ibwirizwa rivuga ngo: «Ntikice» (Kuvayo 20:13) si iry’amategeko gusa, ahubwo n’ijambo ry’Imana: ubuzima bufise agaciro atakindi gishobora gusubirira.
N’uwakoze ikibi arashobora guhinduka, kuko Imana ivuga iti: «Erega simpimbarwa n’urupfu rw’upfuye» (Ezekiyeli 18:32).
Iyaba Imana yahitamwo urupfu nk’umuti (inyishu), nta muntu n’umwe yorusimba.
Urupfu ruhagarika urugendo; ariko urukundo rwugurura kazoza.
Urupfu rushiraho iherezo ku buzima; ariko urukundo ruduha amahirwe ya kabiri.
Yesu yavuze ati:
«Nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo» (Yohani 10:10). Bisigura ko Imana itaza gufuta abantu, ahubwo kubagarurira ubuzima; s’uguhana mu kubatikiza, ahubwo n’ugukiza mu kubashira hejuru.
N’iyo umuntu ageze kw’iherezo, Imana imuhitiramwo gutangura ubuzima bushasha.
Ni yo mpamvu urukundo ruruta urupfu: urupfu ruhagarika ubuzima, ariko urukundo ruhindura ubuzima.
Urupfu ruca, ariko urukundo rurakiza.
Urupfu rurasenyura, ariko urukundo rurubaka.
Ico urupfu ruhagarika hanze, urukundo ruragihindura mu mutima.
Iyo duhisemwo urukundo aho guhitamwo urwanko, ubuzima aho guhitamwo gusenyura, tuba twinjiye mu buryo bw’Imana—uburyo butanga kazoza aho gushiraho iherezo.
Ni ho ijambo ry’Imana riba iry’ukuri: urupfu ntirufise ijambo rya nyuma, kuko urukundo ruraruruta.
IGISABISHO:
Mwami,nyigisha guhitamwo urukundo aho kwihora,
ubuzima aho guhitamwo urupfu,
amahoro aho guhitamwo urwanko.
Kiza imitima ikomeretse,
uremeshe abababaye,
kandi ungire igikoresho c’uguhuza abantu.
Mw’izina rya Yesu, Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
