IKIRUTA URUPFU

Ivyanditswe vyera bitwibutsa ko ubuzima buva ku Mana kandi ata muntu n’umwe ashobora kubufata uko ashaka.
Kahini igihe yica Abeli, Imana ntiyamubabariye, ariko kandi ntiyamwishuye urupfu.
Imana yashize ikimenyetso kuri Kahini kugira ngo ntihagire uwumwica, yerekana ko n’uwakoze ikibi adakwiriye kwicwa yihorwa (Itanguriro 4:15).
Kwaka ubuzima umuntu, ntibikemura ikintu na kimwe: ntibikwiriye kuba igihano, ntibikuraho ibibazo bihari, kandi ntibikemura amatati.

Benshi bibaza ko urupfu rukuraho ingorane canke rukosora akarenganyo. Ariko Yesu, imbere y’ubwicanyi, ntawe yigeze yica; ahubwo yatanze ubuzima bwiwe kugira ngo akize abamurenganya.
Aho abantu babona urupfu nk’iherezo, Imana igira iti: Ntaho urupfu ruzokwigera ruba umuti, ahubwo n’igihombo gihoraho.
Imana yonyene niyo igaba ibihe, niyo ifise ubutungane buri hejuru ya vyose, kandi niyo izi kazoza k’umwe umwe wese.

Uyu munsi, Inkuru Nziza iduhamagarira gukingira ubuzima, guhitamwo kwihangana aho kwihora, no kwizera aho kwihebura.
Umuntu yiyumvira kwaka ubuzima uwundi muntu canke kwiyahura aba yibagiye ko Imana ishobora guhindura amateka, n’aho vyose vyoba bisa n’ivyahagaze.
Mu gihe umuntu agishobora guhema, aba ashobora no kugirirwa ubuntu.
Urupfu rero s’umuti, Imana niyo muti.

IGISABISHO:
Mana, twigishe kwubaha ubuzima waduhaye.
Kura mu vyiyumviro vyacu ubugizo bwa nabi, ukwiheba n’ukwihora.
Uzuze imitima yacu amahoro yawe, urukundo rwawe n’ukukwizera.
Mw’izina rya Yesu, Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *