IMANA IGUTETURURE MU BANTU

«Maz’ Imana yibuka Rakeli, iramwumvira, izibura inda yiwe. Asama inda, avyara umuhungu, at’ Imana iranteturuye.»(Itanguriro 30:22–23)

Gutetererwa s’umubabaro wo mu mutima gusa. N’iceyi kigaragara, gituma umuntu arabwa nabi, akumvwa nabi, akabona n’abandi bamuvuga mu rwihisho, akanacirwa urubanza. Rasheli yakundaga Imana kandi yakundwaga na Yakobo, ariko ubugumba bwe bwamugize ikimaramare mu maso y’abantu. Yari atwaye umubabaro ucecetse wakomeretsa agaciro kiwe.

Gutetererwa s’umubabaro wo mu mutima gusa. N’ibimaramare bigaragara, bituma umuntu arabwa nabi, akabona bamuvuga mu rwihisho, akanacirwa urubanza.
Rasheli yarakunda Imana kandi yakundwa na Yakobo, ariko ubugumba bwiwe bwamugize ikimaramare mu maso y’abantu. Yar’atwaye umubabaro ucecetse wakomeretsa agaciro kiwe.

Na Elisabeti n’uko vyamugendeye.
Amaze gusama, yavuze ati:
«Uku ni k’Umwami Imana inkoreye mu misi yandabiyemwo kunteturura mu bantu.» (Luka 1:25)
Aho yavuga ibimaramare yari afise mu bantu: amaso amuraba nabi, amajambo avugirwa mu rwihisho, n’inda yari imaze igihe kirekire idasama.
Isoni atahitiyemwo, ariko yategerezwa kwihanganira umunsi ku wundi.

Na wewe, ntivyigeze bikubako kwumva abantu bakuvuga mu rwihisho iyo wirenganiye?
Kwumva ibimaramare bigukurikirana ijoro n’umutaga, bikakurya umutima, ukagendana agahinda.
Gutetererwa n’umubabaro ucecetse umuntu yiga kwikorera kuko ata yandi mahitamwo aba afise.

Ariko Ivyanditswe bitwizeza ko Imana ishobora kudukurako isoni.
«Imana yibutse Rasheli»—bisigura ko igihe co gutabara cari kigeze.
Iyo Imana yibutse, irakora. Ifungura ivyari bifunze, igahindura ico abantu babona nk’icahoraho.

Iyo Imana ikuyeho ibimaramare, igisebo gihinduka icubahiro.
Amarira agahinduka ubuhamya.
Ico cari kibabaje kikaba icemezo kizima c’ubudahemuka bw’Imana.
Ikirenze vyose, Imana isubiza umuntu agaciro kiwe n’amahoro yo mu mutima.

Uyu musi, nimba utwaye ibimaramera—vyaba bigaragara canke vyihishijwe—iri jambo ni iryawe:
Imana irakwibuka.
Ico abantu bita ibimaramare, Imana icita igihe co kurindira.
Kandi igihe categekanijwe ngera, Imana izagukurako isoni zawe.

Iyo Imana ikuyeho ibiditez’isoni, ibimaramare bihinduka icubahiro.
Amarira agahinduka intahe.
Icari kibabaza kikaba intahe nzima y’ubudahemuka bw’Imana.
Ikirenze vyose, Imana isubiza umuntu agaciro kiwe n’amahoro yo mu mutima.

Uyu munsi, nimba utwaye ibimaramare—vyaba bigaragara canke zihishe—iri jambo ni iryawe:
Imana irakwibuka.
Ic’abantu bita ibimaramare, Imana icita igihe cyo kurindira.
Kandi igihe cyagenwe nicagera, Imana izogukurako ivyo bimara mare.

IGISABISHO:
Mwami, raba ibimaramare bindiko.
Unyibuke nk’uko wibutse Rasheli na Elisabeti.
Nteturura unsubize agaciro.
Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *