Kuvuka kwa Yesu Kristo gufise insiguro ikomeye mu migenzo ya gikristo.
Kwerekana ukuntu Imana yigira umuntu, n’ukuvuga, ukuntu Imana ihitamwo kuba umuntu kugira ngo yibanire n’abantu.
Ibi vyerekana impinduka nini mu mubano hagati y’Imana n’abantu.
« Inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe. »(Matayo 1:23)
Uyu murongo uvuga ku buhanuzi bwa Yesaya (Yesaya 7:14) kandi ushimangira ko ivuka rya Yesu ari ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’Imana yo kubana n’abantu.
« Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri. »(Yohana 1:14)
Uyu murongo ushimangira ko Yesu ari Jambo w’Imana yigize umuntu, aba mu bantu.
Urerekana iciyumviro c’uko Imana yahisemwo kwiyegereza ikiremwamuntu mu kuba umuntu.
Muvy’ukuri, Yesu, akivuka, yagaragaje ko Imana yifuza umubano wihariye kandi wimbitse n’abantu, ko ashaka kubegeranya kugira ngo abashire mu muryango w’Imana.
« Arikw abamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe, ni bo batavyawe n’amaraso, canke n’ukwifuza kw’umubiri, canke n’ukwifuza kw’umugabo, ariko bavyawe n’Imana. »(Yohana 1: 12-13)
Uyu murongo usobanura ko abizera Yesu bakamwakira mu buzima bgabo bahabwa ubushobozi (canke uburenganzira) bgo kuba abana b’Imana.
Iri sano, ntirisanzwe, n’isano ryo mu mpwemu riva mu bugombe bg’Imana.
« Mwese mur’ abana b’Imana kubgo kwizera Kristo Yesu. »(Ab’i Galatiya 3:26)
Uyu murongo werekana ko kwizera Yesu Kristo bituma abantu bahinduka abana b’Imana, mu buryo bwo mu mpwemu biciye mu kwizera.
« Kuk’ umuntu wese akora ivyo Data wo mw ijuru agomba ari we murumunanje na mushikanje na mama. »(Matayo 12:50)
Yesu yigisha ko abakurikiza ubugombe bg’Imana bahinduka abagize umuryango wayo wo mu mpwemu, umuryango ikikuje kandi wegereye Imana.
« Nuko ntimukir’ abashitsi n’akavantara, ariko musangiye ubgoko n’abera, mur’ abo mu ngoro y’Imana; kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abavugishwa n’Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka. Muri we ingoro yose, yubatswe neza, irakura, ngw ibe urusengero rwera mu Mwami wacu. Muri we namwe murubakanwa, kugira ngo muheshwe na Mpwemu kuba ingoro Imana ibamwo. »(Abanyefeso 2:19-22)
Iki gice cerekana ko, biciye muri Yesu, twunze ubumwe mu muryango w’Imana, aho Yesu ari urufatiro n’isano iri hagati yacu abanyamuryango.
Rero, kuvuka kwa Yesu s’ibintu vyabayeho mu mateka gusa, ni kandi hejuru ya vyose, ubutumwa bukomeye bgo mu mpwemu: Imana yaratwegereye, ihitamwo kubana natwe no gutanga umubano wimbitse, ushingiye ku rukundo n’ubuvandimwe.
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kwumva ko uri kumwe natwe kandi ko uri muri twebge.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo turabisabye, Amen.
Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA