IMANA IRI MURI WEWE

Ico wohura naco uyu munsi canke mur’iyi ndwi canke umwaka uza, ntuzohura naco uri wenyene. Imana iri kumwe nawe, iri muri wewe, kandi iri mu ruhande rwawe.

Ab’i Filipi 2:13 hagira hati,  » Kukw Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara. »

Kuva uba umwana w’Imana kubera wemeye Yesu nk’Umwami n’Umukiza wawe, Imana yaciye itangura gukorera muri wewe.
Ijambo « gukora » mu kigereki ni ijambo energos, aho dukura ijambo « inkomezi. »
Imana niyo iyobora inkomezi mu buzima bwawe. Ntugenda rero kubugombe bgawe gusa.
Nimba ufise Imana muri wewe, menya ko ufise inkomezi ukeneye, ivyo wohura navyo vyose.
Yesu yavuze ati: « … Uwo musi muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebge. »(Yohana 14:20)

Ntutegerezwa rero kurondera aho Imana iri,
Ntutegerezwa gutembera irya n’ino ngo uriko urarondera Imana,
Kandi, ntutegerezwa no kuja ahantu runaka ngo kugira uhure n’Imana,
Oya, wewe ubgawe uhinduka inzu Imana yiberamwo.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe guhora twibuka ko wibera muri twebge kandi ko uri mu ruhande rwacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *