«Mbega ntimuzi yuko mur’ urusengero rw’Imana, kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebge?»(1 Ab’i Korinto 3:16)
«Kristo ari muri mwebge, ivyizigiro vyo kuzoronka ubgiza.» (Ab’i Kolosayi 1:27)
Impinduka ikomeye cane mu kwemera kwa gikirisu si uko Imana iri mw’ijuru, canke ko yaje kw’isi, ahubwo n’uko yahisemwo kubana natwe.
Abemera benshi barazi ko Imana iriho, bakayisenga, bakayivuga, ariko bake ni bo babaho ubuzima bwabo bwa misi yose bafise inyiyumvo n’ubumenyi bw’uko Imana iba muri bo.
Ariko rero, hariho itandukaniro rikomeye hagati yo kwizera Imana no kubaho nk’umuntu Imana ibamwo.
Iyo ivyo tutabizi, turondera Imana mu bihe bigoye gusa.
Dusenga iyo ibintu bimeze nabi, ariko iyo ibintu bigenda neza tuja mu nzira zacu zitandukanye.
Ariko Imana ntishaka kuba umufasha w’igihe gito; Ishaka kubana natwe ibihe vyose.
Kuva kuri Emanuweli — Imana iri kumwe natwe — gushika mw’Isezerano Rishasha, umugambi w’Imana wagumye ari umwe: kuba hafi y’umuntu.
Muri Yezu Kristu, Imana yinjiye muri kahise k’abantu; kubwa Mpwemu Yera, yinjiye mu mutima w’uwizeye.
Rero, ukwizera kwa gikirisu si idini ryo hanze gusa rigizwe n’amategeko n’imigenzo, ahubwo ni ubuzima bwo mu mutima, bubaho mu mwidegemvyo w’ukubaho kw’Imana muri twebwe.
Kubaho nzi ko Imana iri muri jewe ni ukumenya ko nta na rimwe ngenda jenyene.
Ivyiyumviro vyanje, ingingo zanje, intambara zanje, n’amahoro yanje, ndabisangira n’Imana iri muri jewe.
Kubimenya birahindura cane uburyo tubaho.
Ntituba tukivuga uko twipfuza.
Ntituba tugihitamwo uko twipfuza.
Ntituba tukibaho uko twipfuza.
Si kubera ubwoba, ahubwo ni kubera urukundo n’icubahiro dufitiye Uwo aba muri twebwe.
Kuba Imana iri muri twebwe bitubera isoko ry’inkomezi mu bigeragezo, umuco mu bizazane, n’amahoro mu bihe vy’ukudakeka. N’igihe vyose bisa n’ibiteye ubwoba, n’igihe Imana isa n’itahari, iba iri muri twebwe.
Imana iri muri jewe si iciyumviro, ni ubucuti buhoraho. Aratuyagira, akatuyobora, akaduhanura kandi akaduhumuriza. Kugira Imana muri jewe ni ukuvugana na yo ubudasiba, gushingira kuri yo ido n’ido ryose ry’ubuzima bwanje, no guhuza ingendo yanje ya misi yose n’umwidegemvyo wo kubaho kwayo.
Gukura mu vy’impwemu ntibipimwa n’ivyo tuzi ku Mana gusa, ahubwo bipimwa n’ingene tubana n’Imana iri muri twebwe.
Umuntu abizi kandi yabitahuye:
• nta na rimwe yumva ko atawe,
• ntazokwigera agenda wenyene ata n’intumbero afiseè,
• nta na rimwe abaho ata vyizigiro afise.
IGISABISHO:
Mukama, Ndagushimiye ubu buntu butagira uko bungana:
si uko gusa uri Imana iri kumwe nanje, ariko ko uri Imana muri jewe.
Mfasha kubaho buri musi
kuko nzi yuko uri muri jewe,
kugira ngo ivyiyumviro vyanje, amajambo yanje n’ibikorwa vyanje. biguhe ubuninahazwa.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
