Muri Bibiliya harimwo amajambo umuntu ashobora gusoma ayiyumviriyeko cane, agasanga yiyumviriye ibitari vyo. Itanguriro 2:2 n’umwe mu mirongo ishobora kwumvwa nabi:
«Ku musi ugira indwi Imana inonosora ibikorwa vyayo yakoze; iruhuka ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose yakoze. »(Itanguriro 2:2)
Uwosoma ibi yihuta yoshobora kwiyumvira ko Imana, nk’umuntu, yari yarushe, ikeneye kuruhuka kugira ngo isubire ironke inguvu.
Ariko Bibiliya ubwayo iraduhinyuza:
«Uhoraho n’Imana ihoraho, Umuremyi w’impera z’isi; ntadendebukirwa, nta ho aruha; ubgenge bgiwe ntibuserangurika.» (Yesaya 40:28).
None rero “kuruhuka kw’Imana” bivuga iki vy’ukuri?
Mu giheburayo ca kera hakoreshwe ijambo shābat, ritavuga kuryama, kunanirwa, canke kugarura inguvu. Risobanura guhagarika, guhosha, gusoza igikorwa kuko carangiye kandi ari ciza rwose.
Ururuhuko rw’Imana si urw’umukozi yacitse intege; ni urw’Umuremyi ahagarara akitegereza uburangame n’ubuziranenge bw’ivyo yakoze. Imana ntiyahagaritse gukora kubera umunaniro; yarahagaritse kuko ata kintu cari gisigaye kuranguka.
Ivyo biratwigisha ibindi bikomeye ku bijanye n’inyifato n’ukubaho kw’Imana.
Imana si ikiremwa gifise ubugoyagoye canke ibiringo.
Nta kunanirwa, nta kubura inguvu bibaho kuri Yo. Ni Yo ikwega kandi igashigikira isi yose ata na rimwe irambirwa.
Ni Yo iturerura n’igihe twebwe ubwacu twacitse intege.
Ariko kandi, Imana idashobora kunanirwa yahisemwo kutwigisha kuruhuka.
S’ukuruhuka kw’umubiri, ahubwo n’ukwo kwizigira Imana—ukuruka kwo kureka ubwoba, kureka kwihagararako, no kwemera ko Imana yamaze gutunganya ibintu vyose.
Ni co gituma yashinze Isabato: umusi wo kwibuka ko Imana ihagije, ko ibikorwa vyayo bitunganye, kandi ko ubuzima bwacu buri mu maboko yayo akomeye.
Ukuruhuka kw’Imana si ikimenyetso c’ubugoyagoye.
N’akamo Imana idutera kugira itubwire ngo:
Nyegera, unyizigire.
Tekereza, unkundire mbe Imana mu buzima bwawe.
IGISABISHO:
Mana Data, We utadendebukirwa na rimwe, nyigisha kuruhukira muri Wewe.
Mfasha kuva mu maganya no mu ntambara zo mu mutima kugira mbashe kwinjira mu mahoro umpa.
Reka umutima wanje uhagarare, witegereze ibikorwa bitunganye waranguye mu buzima bwanje.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
