IMANA NYEN’AMAHORO IBANE NAMWE !

Kugira ngo agaragaze icifuzo gikomeye ko Imana, Yo soko y’amahoro nyayo, yogumana nabo kandi ikabashigikira mu kwizera kwabo no mu buzima bgabo bga buri munsi, intumwa Paulo yandikiye abakristu b’i Roma ababgira ati:
« Imana Nyen’ amahoro ibane namwe mwese. Amen. »(Abaroma 15:33)

Uyu mugisha Paulo yifurije Abaroma, nanje ndawubifurije mwese dusangira buri munsi ijambo ry’Imana:
« Imana Nyen’amahoro ibane namwe mwese! Amen! »

Ijambo « Imana Nyen’amahoro » rirahambaye.
Ryerekana umwe mu mico y’Imana:
Niyo Nyen’amahoro, niyo iyafise ni nayo iyatanga yonyene.
N’Imana itanga amahoro, atari mu mubano w’abantu gusa, ariko cane cane hagati y’umuntu na Yo ubgayo biciye muri Yesu (Abaroma 5:1).
Muri iyi si yugarijwe n’amatati, imanza,inzankano n’ibigeragezo, Imana yonyene niyo ishobora gutanga amahoro nyayo, arengeye kubaho ata ntambara.
Aya mahoro n’ayo mu buryo bw’impwemu, yunga umuntu n’Imana biciye muri Yesu Kristo (Yohana 14:27, Abafilipi 4:7).

Paulo ntabifuriza amahoro gusa, aranasenga ngo Imana ibane nabo. Kanatsinda Imana ihora yifuza kwibanira n’abayizera (Matayo 28:20).
Icifuzo canje n’uko namwe mwokwumva ukubaho kw’Imana n’amahoro yayo mu buzima bganyu.

Paulo aheza avuga ati « Amen ».
« Amen » igaragaza ukwizera ko, ata gukekeranya ko Imana izosubiza neza isengesho.
Ibi rero bihamagarira abizera kugira ukwizera kumwe iyo bisengera ubgabo n’iyo basengera abandi.

Muri make, uyu murongo utwibutsa ko Imana ari inkomoko(isoko) y’ukuri y’amahoro, ko iri kumwe n’abantu bayo kandi ko yifuza ko abana bayo babana mu bumwe no kumwizera.

IMANA NYEN’AMAHORO IBANE NAMWE !

Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *