IMYAKA 70 NA 80 MURI BIBILIYA

Bibiliya iravuga igihe cy’imyaka 70 n’imyaka 80 muri Zaburi ya 90, umurongo wa 10 kandi ituma abantu biyumvira ku bijanye no kuramba kw’abantu.

« Imisi y’imyaka yacu n’imyaka mirongwirindwi, Canke naho, kubg’ intege nyinshi, yoshika kuri mirongumunani, Yamar’ ivyiratwa vyayo n’ubutame n’umubabaro, Kukw ishira vuba, natwe tukaba tugurutse. »(Zaburi 90:10)

N’iyihe nsiguro twoha uyu murongo?

Ku ruhande rumwe, hari abizera ko uyu murongo, w’iyi zaburi yitiriwe Mose, uvuga ku bugufi bw’ubuzima bwa muntu n’intege nke zo kubaho.
Ariko muvy’ukuri, ubuzima burahinduka bitewe n’ibintu vyinshi, nk’amagara, ibidukikije, ivy’irondoka(la génétique mu gifaransa), n’iterambere ry’ubuvuzi.
Uyu munsi, bitewe n’iterambere ry’ubuvuzi n’amagara meza, abantu benshi barabaho neza bakarenza imyaka 70 na 80.
Uyu murongo rero wo muri Zaburi ya 90 ukwiriye gutahurwa hishimikijwe amateka n’umuco, aho kwishimikiza amajambo y’ubumenyi yerekeye ukuramba kw’abantu.

Ku rundi ruhande, Zaburi 90:10 ikoresha ibiharuro bifise insiguro ngereranyo muri Bibiliya no mu muco w’igiheburayo.
Ngizi insiguro zishoboka:
Igiharuro 70 akenshi gihuzwa n’urukurikirane rw’umuzingi wugaye, wuzuye canke igihe c’urubanza.
Nk’akarorero, imyaka 70 y’ubunyage i Babiloni (Yeremiya 25:11) cari igihe c’urubanza no kwezwa ku bisiraheli.
Igiharuro 70 gishobora kugereranywa n’ubuzima bguzuye, vyerekana iciyumviro ko 70 ari ubuzima bwuzuye.
Igiharuro 80, n’aho kigaragara gake cane tugereranije n’iki ca 70 muri Bibiliya, gitegerezwa kuba cerekana imigisha idasanzwe canke inkomezi zidasanzwe.
Akarorero, Mose yari afite imyaka 80 igihe yavana Abisiraheli muri Egiputa (Kuva 7:7).
Rero, kugera ku myaka 80 birashobora kugaragara nk’igaragazwa ry’inkomezi no gutoneshwa n’Imana.

Imyaka yavuzwe irashobora kugaragara nk’ikimenyetso c’ubuzima bg’umuntu. Ishimangira ubugufi n’intege nke z’ubuzima bg’abantu, igashira impfu zacu hamwe n’igihe gito muvyo twashitseko kw’isi. Ibi bihamagarira abizera kwibanda ku bintu vy’impwemu n’ivy’ibihe bidashira aho guha agaciro icubahiro c’igihe gito.

Muri make, Zaburi 90:10 ikoresha ibiharuro ngereranyo vyibutsa abizera ko ubuzima bg’abantu ari bugufi kandi ibahimiriza kurondera ubgenge bw’Imana no kubaho mu buzima bufise intego kandi bwubaha Imana.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *