Imana yageneye umuntu wese kubaho mu bwuzure bw’ubuntu bwayo — ubuzima bw’amahoro, umunezero, n’ubwisanzure mu mubano nayo.
Ariko hariho intambamyi mu mutima w’umuntu zibangamira ubwo buntu zikabubuza gukora neza.
Menya izo ntambamyi maze ureke Kristo azigukuremwo.
1. UBGOBA bukubuza gutera intambwe no kwakira isezerano ry’Imana.
“Kukw Imana itaduhaye umutima w’ubujora: ariko yaduhaye uw’ ubushobozi n’urukundo n’ukwirinda.” (2 Timoteyo 1:7)
2. KUTAGIRA UBGENGE bituma utamenya ukuri bikagukwegera mu bigutwara ubuzima.
“Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge…” (Hoseya 4:6)
3. ISHAVU ribangamira umutima wawe kandi rikakubuza amahoro.
“Ni mwaraka ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse.” (Abanyefeso 4:26)
4. ISHARI rituma udashima ivyiza abandi bagukorera kandi rikubuza kwibanda ku nzira yawe.
“Kukw ah’ ishari riri, bo no kwirema ibice, ari ho umuvurungano uri, n’igikorwa kibi cose.” (Yakobo 3:16)
5. UKWISHIRA HEJURU bituma uticisha bugufi, bikanatuma utagira umwete wo kurondera ubumenyi.
“Umuntu ni yiyumvira kw ar’ agakomeye, kand’ ata co amaze, aribesha.” (Ab’i Galatiya 6:3)
6. GUKEKERANYA kubangamira ukwemera kwacu kandi kwigiza kure isezerano ry’Imana.
“Ukekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, utwarwa n’umuyaga, usimbaguritswa.” (Yakobo 1:6)
7. URWANKO ruzimya urumuri rw’umutima.
“Uvuga kw ari mu muco, akanka mwene Data wundi, aba akiri mu mwiza na bugingo n’ubu.” (1 Yohana 2:9)
8. KUDAHARIRA bituma umutima wawe uguma uri imbohe ya kahise kawe.
“Ariko ni mutaharira abantu ivyaha vyabo, na So na we ntazobaharira ivyaha vyanyu.” (Matayo 6:15)
9. KUVUGA IBINYOMA birasenya ukwizera.
“Maze mwiyambuye ibinyoma, umuntu wese avugane ivy’ ukuri na mugenzi we…” (Abefeso 4:25)
10. UBGIBONE bihagarika ubuntu bw’Imana.
“Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu.” (Yakobo 4:6)
Izi ntambamyi zituruka mu mutima w’umuntu, ntiziva ku Mana.
Ubuntu bwa Kristo burashobora kuzikuraho zose.
“Umwana ni yabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya nyakuri.” (Yohana 8:36)
IGISABISHO:
Mana, nkuramwo ibintu vyose bibangamira ubuntu bwawe muri jewe.
Nyuzuza amahoro, ukuri n’ubwitonzi.
Shira urumuri rwawe mu mutima wanje. Amina.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
