Hariho ibihe guca bugufi no kwinumira ari vyo vyiza kurusha kwishura.
Muri iyi si, aho abantu benshi biyumva ko bategerezwa gusubiza kuvyo bavugwako canke kuvyo bababwiye, kwisigura canke kwivuna, Mpwemu yera atwigisha ubundi bgenge bgo kuvyitwaramwo butandukanye: gutekana no kwinumira bivuye ku mahoro yo mu mutima.
Yesu igihe yagirizwa ibinyoma imbere ya Pilato, ntiyavuze vyinshi, harageze aho yinumira, araceceka (Matayo 27:12-14).
Ntivyari uko ataco yarafise avuga, ahubwo yarazi neza ko ubutumwa bgiwe butashingiye ku vyo abantu bavuga.
Yari azi uwo ari we.
Yari azi iyo aja.
Ntiyari akeneye kwemeza abamwagiriza mu kinyoma.
Hariho amajambo atari ngombwa ko wishura.
Hariho ibitutsi n’iterabwoba bitari bikwiye ko utakazako inguvu.
Hariho impaka ziba zishaka gusa guhungabanya amahoro yawe.
Iyo uzi uwo uri we muri Kristo, ntiwumva ko ukwiriye kwishura vyose.
Ntutegerezwa kwisigura imbere y’abatari bugutahure.
Ntiwibaze ngo kwinumira biterwa n’ubwoba canke gutsindwa. Oya.
Rimwe na rimwe, kwinumira n’imvugo y’abantu bafise ububasha bwo kwiyumanganya.
N’ikimenyetso c’uko uba uyobowe na Mpwemu yera, atari amarangamutima.
Guhitamwo kutishura ukinumira, bishobora kuba ikimenyetso c’ukwizera Imana, yo irwanira abagororotsi batabanje kwigwanira.
Uyu munsi, wibuke: ntutegerezwa kwishura canke kugira ico uvuga ku biza bikurondera vyose.
Reka Imana ivuge mu kibanza cawe.
“Uhoraho ni we agira ngw abarwanire, namwe ni mwinumire gusa.”(Kuvayo 14:14)
Ku bw’ugukomeza abera,
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA