“Abo nkunda, ndabinginga, ko mur’ inyambukira n’ingezi mwirinde ivyifuzo vy’umubiri birwanya ubugingo.”
(1 Petero 2:11)
Umukristo si uw’isi. Aba muri yo, ayikoramwo, rimwe na rimwe akababara, ariko azi ko isi atari yo rugo rwiwe rwa nyuma. Petero araduhimiriza nk’abambukira n’ingenzi, kugira ngo twame twibuka ko ubwenegihugu bwacu nyakuri buri mw’ijuru, kandi ko uku kubaho kwacu ari urugendo rugufi.
Kuba umwambukira bisaba ko dutahura kandi duhora twibuka ko turi mu rugendo. Uwumenye ko ari ingenzi ntiyizirika ku bintu vy’isi, kandi ntiyishimira icubahiro canke ubutunzi bw’isi kuko azi ko bizoshira.
Ivyiyumviro vyiwe, icizigiro ciwe n’itunga ryiwe biri mw’ijuru — mu Bwami bw’Imana budashira.
Ariko igihe tukiri mur’iyi si, duhura n’intambara yo mu mutima: umubiri urwanya ubugingo. Ivyipfuzo vy’umubiri biragerageza kudutandukanya n’Imana, bigatuma dukunda isi kurusha Umuremyi, bigatuma twibagira ko turi ingenzi.
Ni co gituma Petero aduhimiriza kwirinda ivyo vyifuzo birwana n’ubugingo bwacu.
Uwatahuye ko ari umwambukira canke umunyamahanga mur’iyi si, abaho mu buryo butandukanye:
Aharanira kugira ivyiyumviro vyera, kuko azi ko ivyiyumviro bimuyobora.
Ategerezwa kugenga ivyifuzo vyiwe, ntabe imbohe y’isi ariko ayicamwo.
Aharanira kuba uwera, atabiterwa n’ubwoba, ariko kuko ashaka kuguma ari uwera imbere y’Umwami wiwe.
Bakundwa, ntitwibagire ko tudakomoka hano. Buri musi ni intambwe ijana iwacu h’ukuri. Ntidukundire ivy’isi bitubesha ngo twibagire aho turiko turaja.
Turi abaserukira ijuru, duhamagariwe kumurika mw’isi yijimye.
Nitwakomeza iyo ngendo, tuzobaho mu mahoro, mu kwicisha bugufi no mu kwizigira — tuzi neza ko ubuzima bwo mw’isi ari urugendo rugufi, mugabo itunga ryacu ni iry’ibihe bidashira.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
Icabona c’ubuntu bugarura ubuzima
