INZOGA:UMWANSI MUBI W’UMUKRISTO

Inzoga s’ikibazo kiri mu gacupa, ahubwo n’ikibazo kiri mu mutima w’uwuyikunda.

Inzoga iradutera akanyamuneza gatoya, ariko inyuma igasenya, igatuma umuntu agwa, agahomba kandi akamererwa nabi cane.

Bibiliya ivuga iti :
«Vino ni yo mucokoranyi, ibiboreza ni vyo ruyogoyogo,
Kand’ ubidandabagiranamwo wese ntagira ubgenge.»(Imigani 20:1)

Kunywa inzoga s’icaha, ariko kuborerwa n’icaha gikomeye.
Kuborerwa bituma umuntu, ananirwa kwifata, ananirwa kwihangana, yigenza nabi, akora ivyaha, kandi ntashobore no kumva ijwi ry’Imana.

«Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ ubuhumbu, ariko mwuzure Mpwemu.»(Abanyefeso 5:18)

Umukristo nyawe ntaronderera umunezero muri vino, ahubwo awuronderera mu Mwami, kuko Mpwemu W’Imana ari we atanga amahoro n’umunezero vy’ukuri.

«Ariko tweho, ko tur’ ab’ umurango, twirinde ibiboreza, twambaye icuma gikingira igikiriza c’ukwizera n’urukundo, kandi twambaye nk’inkofero ukwizigira agakiza.»(1 Ab’i Tesalonike 5:8)

Umunezero w’ukuri ntuva mu gukira inyota y’inzoga, ahubwo uva mu kubaho imbere y’Imana.
Kuko Mpwemu w’Imana atanga umunezero ata nzoga n’imwe ishobora gutanga.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
Icabona c’ubuntu bugarura ubuzima

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *