ITWITAYEHO

Mu rugendo rgabo gw’imyaka mirongo ine mu bugaragwa inyuma yo kuva muri Egiputa, Abisiraheli barabonye urukundo rw’Imana no kwitabgaho nayo.

Imana irabibibutsa:
« Namaze imyaka mirongwine mbarongora mu bugaragwa; imyambaro yanyu ntiyabashiriyeko, n’inkweto zo mu birenge vyanyu ntizabashiriyeko. »(Gusubira nu vyagezwe 29:5)

Agasangwa Imana yarashoboye kwitaho abisiraheli mu bihe bigoye, irashobora kandi no kwitaho abayizera uyu munsi na cane cane abemeye kuba abana bayo mu kwizera Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza wabo.
Dukwiriye rero kwumva ko kubaho kwacu no kumererwa neza kwacu gushingiye gusa ku Mana aho gushingira ku nkomezi zacu canke ku bushobozi bgacu.

Ku bahura n’ibigeragezo muri iki gihe, uyu murongo utanga ivyizigiro ko Imana iriho kandi ikora, ndetse no mu bihe vy’ubugaragwa mu buzima bgacu.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe ivyizigiro vyuzuye ku rukundo gwawe no ku kutwitaho kwawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *